InkinoMumahanga

Virgil Van Dijk yasinye amasezerano mashasha na Liverpool.


Amasezerano ya Van Dijk yari guhera mu mpera z’umwaka ariko uwo mukinyi w’inyuma w’Ubuholandi yanditse amasezerano mashasha y’imyaka ibiri. Van Dijk yabwiye urubuga rwa Liverpool ku musi wa kane ati: “Ndanezerewe cane, ndashima cane.Van Dijk agiye gukinana hamwe na Salah, umukinyi w’imbere murruwo murwi. “Ni umunezero mwinshi,mfise rikumwe n’ibigumbagumba.
Urugendo nagize gushika ubu mu kazi kanje, kugira ngo nshobore kururonka iyindi myaka ibiri muru rukino ni ibitangaje kandi ndanezerewe cane.” Uwo mukinyi w’imyaka 33 Van Dijk yerekanye ko ari umuntu ahambaye cane muri Liverpool nka Salah kuva yava muri Southampton mu ntango z’umwaka w’2018 ku madolari 100 miliyoni, ni amahera menshi cane kw’isi yose ku mukinyi w’inyuma. Van Dijk yongeyeko ati: “Nagumye shaka gukinira Liverpool,vyama biri mu mutwe wanje, vyama ari umugambi kandi vyama ari Liverpool.“Nta nkeka nari mfise mu mutwe wanje ko aha ari ho twoba jewe n’umuryango wanje.”
Mu myaka 7 muri Anfield, Van Dijk yatwaye igikombere ca Premier League hamwe n’igikombe c’imigwi y’isi, igikombe ca FA, ibikombe bibiri vy’igikombe c’isi c’Ubwongereza n’igikombe c’isi c’ imirwi.

Related posts

Primus Ligue Burundi: Ku musi ugira 23, ryasozerewe gute?

Yvan Manager

Umurundi Étienne Ndayiragije amenyereza Polici FC yatwaye igikombe c’ihiganwa rikuru.

Yvan Manager

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Yvan Manager

Leave a Comment