IbigezwehoMumahanga

Vatikano: Umwotsi wirabura werekana ko ata papa yatowe.

Umwotsi w’umwirabura waravuye mu mugende mutoyi w’umwotsi w’Ingoro ya Sixtine ku musi wa gatatu ndetse nuyu munsi ugira 2 nk’ikimenyetso cuko ata mu papa mushasha bashoboye gutora kandi azorongora Ekleziya Katolika. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari bakoraniye ku kibanza ca Petero mweranda i Vatikano barindiriye umwotsi werekana ko hari ivyo batoye vyakunze canke bakirindiriye kandi umwotsi wera ufise isiguro yuko uwatowe ariwe agiye kuja imbere agatwara iryo dini.

Mu gihe c’isaha icenda z’ijoro gusa. ku isaha y’aho hantu, umwotsi wirabura warasohotse mu muyoboro w’umwotsi werekana ko amatora ya mbere yananiwe gushika ku ntumbero imwe. Umwotsi wera be n’uguvuza inkengeri vyari kumenyesha yuko abo bakaridinali 133 bo mu bihugu nka 70 batoye umurongozi wa 267 w’Ekleziya Katolika kw’isi yose.

Nta gihe gitegekanijwe c’igihe iyo nama y’ibanga, nk’uko iyo nama izwi, ishobora kumara. Ariko kubera ko ari yo nzira itandukanye kuruta izindi mu mateka y’imyaka 2.000 y’ukwizera, bitezwe ko izomara imisi mikeyi. Umukaridinali arakeneye amajwi menshi abiri kuri gatatu (2/3) kugira ngo atsinde umugenzo wo gutora mu mpisho umaze ibinjana n’ibindi. Uko binjira muri iyo nama, amatelefone ngendanwa y’uwo mukadinali aratwarwa, barahira ibanga, kandi imipfunda y’ikirere hirya no hino muri Vatikanio irahagarara kugira ngo ikingire ivyo biganiro.

Naho ku wa kane hariho amatora amwe gusa, hashobora kuba amatora ashika kuri ane ku musi inyuma y’aho.Iryo koraniro ryatanguye n’imisa yo mu gitondo muri Bazilika ya Petero St. Umukaridinali mukuru Giovanni Battista Re yasenze ngo abakaridinali bamurikirwe guhitamwo « papa igihe cacu gikeneye ». Uwo mupapa wa mbere, Papa Fransisko, yapfuye kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza afise imyaka 88.

Related posts

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Yvan Manager

LUMITEL WOMEN’S LEAGUE: Fofila PF 20-0 RainBow.

Buja Media

Kenya:Umuririmvyi Jaguar bamugenye kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino.

Yvan Manager

Leave a Comment