InkinoMuburundi

URUNANI BBC watsinze amanota 235 kurusha iyindi mirwi mur’iyindwi.

Kundwi igira icenda n’icumi ry’ihiganwa rya Vital’o Basketball League VBL2025 inkino zose zarabaye zirahera atakibazo c’ imvura gisubiye gushika. Urukino rwari rwitezwe n’abantu benshi Dynamo BBC yatsinze bitayoroheye namba Remesha BBC kuri 69-66, umurwi w’ Urunani niwe watsinze amanota menshi ashika 235 kurusha izindi mu nkino 2. Imirwi ya Remesha BBC, Lion Team, Aigles Noirs, Gymkhana na Kern yatsinzwe inkino zompi.
Inkino ziyi ndwi iheze zabereye ku bibuga 3 arivyo Département des Sports, Entente sportive na CECADEM, imirwi Urunani BBC, Dynamo BBC, Les Hippos Tigers BBC na New Star yashoboye gutsinda kw’iyo minsi yose ariko abarorerezi ntibagaragaye kubwinshi kurivyo bibuga nk’iyindi minsi.
May be an image of 3 people, people playing basketball and text
Uko bagiye baratsindana ku munsi wa gatandatu:
1/ Tigers BBC 140- 43 Aigles Noirs
2/ Dynamo BBC 86-72 Gymkhana
3/ Urunani BBC 112- 67 Young Eagles
4/ Muzinga 98- 53 Lion Team
5/ New Star 74 – 61 Kern
6/ Les Hippos 76- 67 Remesha BBC
May be an image of 10 people, people playing basketball and text that says '10 LES NIFPOS 96l 96'
Inkino zo ku munsi w’Imana :
1/ Young Eagles 74-58 Kern
2/ Tigers BBC 90- 78 Gymkhana
3/ Les Hippos 81-63 Muzinga
4/ New Star 115-51 Aigles Noirs
5/ Urunani BBC 123-42 Lion Team
6/ Dynamo BBC 69-66 Remesha BBC
Icibonekeje muriyi indwi kitari bwaboneke nuko imirwi ikebana cane Urunani na Dynamo kuwa gatandatu bose bari bashigikiye Les Hyppos yatsinze Remesha(76-67) kubera ariyo yari mu kibanza ca mbere. Mwomenya yuko Remesha yatakaje inkino 2 zikurikirana ica itakaza ikibanza ca mbere yarimwo.
May be an image of 4 people, people playing basketball and text
Kuruhande rw’inkino z’abigeme mw’ihiganwa IWBL2025 ku munsi ugira 3, umurwi Gladiators waratsinze urushije cane Rumuri ku manota (117-16), Les Hippos utsinda 53-45 Dynamo. Umukinyi MUCO Naomie wa Gladiators yatsinze wenyene amanota 36, atanga imipira ivamwo igitsindo 11 hamwe na Rebond 4 kuruhande rwa Les Hippos, Dorcas Marondero niwe yabaye MVP umukinyi yitwaye neza kurusha abandi bose yatsinze amanota 11, atanga imipira itsinda 6 na Rebond 11.

Related posts

UE BAZOTANGA 20.000.000€ MU GISATA C’INYIGISHO SHINGIRO.

Buja Media

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Yvan Manager

Huguruwe ikigo c’inkino Dojo ku rwego rw’igihugu.

Yvan Manager

Leave a Comment