MuburundiPolitike

Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye ariko agiranira ikiganiro n’abenegihugu ku Kibuga Royal yi Muramvya.

Ikiganiro kiremeshejwe n’ Umukuru w’igihugu co kuri uyu wa 26 Kigarama 2025 kiriko kibera ku kibuga Royal muri komine Muramvya mu ntara ya Gitega, ico kiganiro kiriko gica ku binymakuru vyose bikorera ku butaka bw’igihugu.  Abamenyeshamakuru batandukanye bariko barabaza ibibazo ndetse n’abenegihugu batandukanye bariko barahambwa ijambo babaza ibibazo rusangi bibahanze. Varisito Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije ikibazo c’imbibe ahubwo ntizugaye ku ruhande rwa Congo gusa, n’iz’Urwanda zirugaye kumvo z’umutekano.

Ibintu bike muri bikuru bikuru yishuye:

Peut être une image de route et texte qui dit ’SAFE JOURNEY BON VOYAGE URUGENDO RUHIRE Republic of Burundi’

Kuba hari imbibe zugaye ni ku mvo z’umutekano, amagara aruta amajana
Iyo ni inyishu y’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku kibazo c’uko kwugara imbibe hagati y’Uburundi n’igihugu kibanyi ca Congo ko bitariko birateza uruhombo igihugu ku kibazo c’Ubutunzi. Aya makuru tuyakesha ikinyamakuru Iris News.
Ndayishimiye mu kwishura yibukije ati : “Imbibe ahubwo ntizugaye ku ruhande rwa Congo gusa, n’iz’u Rwanda zirugaye.” Ngo kuba izo mbibe zugaye rero ngo ni ku mvo z’umutekano. Ngo hakwugurura bigatuma ubuzima bw’abantu butakara, tworindira amahoro akabanza akaboneka.
Peut être une image de texte
Umukuru w’igihugu amenyesheje ko Uburundi aribwo buterwa ataribwo butera. Ngo biragaragara ko Urwanda rufise umugambi mubi ku Burundi kuko ngo n’ikimenyamenya abagizi ba nabi baza gutera Uburundi ngo baba bateguriwe mu Rwanda nk’uko Prezida Evariste Ndayishimiye yabishikirije.
Abandanya ati: “Rero ku bwacu ntako tutagize. N’ubu tuguma dusa duti tubwire ico muduhora. Gushika ubu ntaco baratubwira. Tuguma dusomborotsa ibiganiro ariko ni kwama tugavye”
Prezida Ndayishimiye ku myidogo y’abarimyi ku vy’ifumbire : “Barimyi, mureme, nta muntu n’umwe amahera yiwe azoherayo”
Evariste Ndayishimiye yavuze ko “Uwarishe wese azoronka umwavu”, ashimangira ko “iri rima ry’impeshi nyene [uwarishe wese] azoronka.” Iyo ndemesho Ndayishimiye yayitanze mu kiganiro ariko araremesha i Muramvya kuri uyu wa 26 Kigarama 2025. Yishura ku kibazo c’iteba ry’ifumbire, Prezida yagize ati : “Ubu turiko turabiharura neza, tuzobikorera ku mitumba, kandi uwarishe wese azoronka umwavu wiwe.”
 “Twarabiravye neza, dusanga koko hariho umwavu bataronse kandi mwinshi, ubu rero iri rima ry’impeshi bose bazowuronka kandi uwatanze amahera amenyeko umwavu wiwe uhari kuko amahera ariho.” Niko Prezida abisigura. Akamo ku ndongozi ziheruka gutorwa n’abenegihugu …
Agira ati : “Muze murarereka abo banyegeza umwavu murumvako baba bariko baratoba batobera igihugu. Hama ku mitumba habe intunganyo nziza ntihagire uwusubira kugura ifumbire nyinshi iruta aho yarimye.
Evariste Ndayishimiye yizeje abarimyi b’ikawa n’ibigori batararihwa, ati : “Turiko turabishira mu buhinga bugezweho – digitalisation, ni bareme !” “Twarashizeho abashinzwe kubishira mu buhinga bwa none kugira ngo ayo mashirahamwe ntazosubire kurenganya abarimyi,” niko Umukuru w’igihugu abisigura.
 Prezida Ndayishimiye avuga ko basanze hari abantu batanga nimero za konti zitari iz’abarimyi, bigatuma bataronka amafaranga yabo uko bikwiye. “Ariko ubu biriko birasubirwamwo neza biciye mu buhinga bugezweho.”  Abagwizatunga b’Abarundi basabwe kwiga kurondera amasoko
Prezida Ndayishimiye yibaza ati : “Mbega abagwizatunga b’Abarundi barazi neza ingene borondera amasoko ? Ibigori birakenewe mu bihugu bibanyi nka Kongo no mu bindi bihugu. Nibige kurondera amasoko kuko aruzuye.”

Related posts

” Imyiyamamazo yagenze neza muri rusangi ” uwigenga Dieudonné Nahimana.

Buja Media

Umukuru w’Igihugu mw’ihuriro ry’urwaruka.

Buja Media

Aigle Noir isigaje urukino 1 itwara igikombe ca Primus Ligue Burundi 2024-2025.

Buja Media

Leave a Comment