MumahangaPolitike

Umukuru w’Igihugu Samia Suluhu Hassan, yasavye ko ibikorwa vy’igihugu bibandanya ukuri kwamye.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Dr. Samia Suluhu Hassan, yategetse inzego zijejwe umutekano hamwe n’abatwara intara n’ama komine ko bokwihutira gushigikira isubira ry’ubuzima busanzwe bw’abanyagihugu, guhera kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2025. Ivyo yabishikirije uyu musi, mu gihe yari amaze kurahirira amabanga yiwe nk’umukuru w’igihugu, mu birori vyabereye ku kibuga ca Nishani, muri komine ya Chamwino, intara ya Dodoma. Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye yitavye ivyo birori.

Yamenyesheje ko Reta igiye kubandanya irwanira amahoro, ubumwe n’iterambere ry’abanyagihugu, kandi yibutsa ko inzego z’umutekano zifise uruhara rukomeye mu gukingira ituze n’ukubandanya ibikorwa vyose reta yakora batibagiye ivy’ubutunzi n’imibano nk’uko bisanzwe. Umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan hamwe na Icegera ciwe, Dr. Emmanuel Nchimbi, barahiye kuri uyu wa mbere kugira bayobore Tanzaniya mu kiringo c’imyaka itanu iri imbere.

Umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan yatsinze amatora ku majwi 97,66, atwaye igihugu kuva igenekerezo rya 19 Ntwarante 2021 akoreye mu gata Dr John Pombe Magufuri.

 

 

Related posts

Ruto yipfuzako Abanyafrika bokwinjira muri Kenya batarinze gusabwa Visa mu 2024

Yvan Manager

Ngozi: Buramatari mushasha ni inde?

Yvan Manager

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Yvan Manager

Leave a Comment