Mumahanga

Uganda: Abishe bamukerarugendo 2 bagiye gukurikiranwa bikomeye.

Kuruyu wa Gatatu igenekerezo rya 18 Gitugutu, Umukuru w’igihugu c’Ubugande yamenyesheje yuko igisirikare co murico gihugu kigiye guhiga abagizi ba nabi bishe kuwa 17 Gitugutu abakerarugendo babiri b’abanyamahanga bafise ubwenegihugu bwa Afrika y’efo arikumwe n’Umwongereza hamwe n’umunyagihugu wo murico gihugu yariko arabereka abatwara muri parike ya Queen Elizabeth iri mu burengerazuba bw’igihugu.mu rugendo bariko baragira inyuma yo kugira ubugeni, ubwo butumwa yabucishije kurubuga X.

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni
Yoweri Museveni Umukuru w’Igihugu c’Ubuganda.

Kubwa Yoweri Museveni avuga yuko ubwo bwicanyi bwakozwe n’umurwi urwanya Reta Allied Democratic Forces (ADF),Museveni yavuze ko abarwanyi ba ADF bazotsindwa nk’uko Kony yatsinzwe, yamirira kure ibikorwa bibi bagiye barakora vyo kwica abantu muri Karamoja no mu turere tuyikikije. Ashishikara amenyesha yuko abakora ibikorwa vy’ubwicanyi bitazohagarika incuti nziza ziza kugendera ico gihugu yuko bagiye gukorana n’ubuserukizi bwa Uganda mu Bwongereza, kugira ngo bashike ku miryango y’ababuze ababo babafashe, kandi ko Uganda yiteguye gutanga ibikenewe vyose muri ibi bihe.

Ivyo biruko mu gihe umurwi ADF waheruka gukora ibitero nkivyo ku banyegihugu muri Ruheshi uyu mwaka wi 2023, abanyeshure 40 barapfuye kw’ishure rya Lhubiriha Secondary School mu burengerazuba bwa Uganda.

 

Related posts

Man City: Amafoto y’ibihe bikuru bikuru yagaragaje umunezero inyuma yo gutsinda Real Madrid.

Yvan Manager

Joe Biden yasavye ibindi bihugu bacuditse kubandanya bafasha Ukraine.

Yvan Manager

Youssouf Nyange : Igitsindo ca mbere mu gihugu c’ Ubufaransa.

Yvan Manager

Leave a Comment