InkinoMuburundi

Uburundi vs Seychelles: Urukino rufise vyinshi rusigura kuri Sangwa Patrick.

Intamba mu Rugamba barahura uyu munsi n’umurwi wa Seychelles kuwa 25 Ntwarante Urukino ruja gukinwa igihe c’isaha zitatu z’ijoro ku kibuga “Stade d’ honneur de Meknès” co muri gihugu ca Maroc mw’ihiganwa  ry’ inkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira igikombe c’isi ca 2026. Kuva Uburundi bukina ntibwigeze bugira ikibazo kuruwo murwi kuko mu nkino 6 zose bahuye , Uburundi bwazitsinze zose.

Nkuko muri kahise ka vuba kuwa 11 Ruheshi 2021, urukino rukomeye Uburundi bwakinye Seychelles bayitsinze ibitsindo 8 kuri kimwe. Ku rutonde rwo mu mugwi F ibi bihugu bihuriyemwo, Uburundi buri mu kibanza ca gatatu n’amanota indwi mu gihe Seychelles iri mu kibanza ca gatandatu ari co ca nyuma n’amanota ubusa. Mu rukino rugira gatanu rwo muri izi nkino, ibi bihugu vyose vyaratsinzwe. Igihugu c’Uburundi catsinzwe na Côte d’Ivoire igitsindo kimwe ku busa, mu gihe Seychelles yatsinzwe na Gabon ibitsindo bitatu ku busa. Seychelles igatsindwa urukino rw’uyu musi izoba isezerewe muri izi nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira igikombe c’isi kizokinwa mu 2026.

Image
Urutonde rw’abatagura mu kibuga.

Urukino ruja gukinirwa ku kibuga co muri Maroc kubera ko Uburundi budafise ikibuga gikwije ibisabwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika. Sangwa patrick amaze kumenyereza umugwi nserukiragihugu intamba murugamba inkino 3 kandi mwizo nkino ntanarumwe yatsinzi kandi ntagitsindo nakimwe intamba zirinjiza

Mbega ino ntango ya Sangwa Patrick uno munsi ashobora kwugurura intsinzi yiwe yambere?

Buja Media imwipfurije gutsinda

Related posts

BUMAMURU FC VS FLAMBEAU DU CENTRE NINDE AZOJA MU KIBANZA CA 1?

Buja Media

LUMITEL WOMEN’S LEAGUE: Fofila PF 20-0 RainBow.

Buja Media

Musenyeri Emmanuel Sinzohagera yimikwa.

Yvan Manager

Leave a Comment