InkinoMuburundi

Sylvain Nzikoruriho yatowe gutwara ishirahamwe FEBUKA imyaka 4.

Sylvain Nzikoruriho yaraye yizewe n’inama ya bose kurongora ishirahamwe rya Karaté mu Burundi FEBUKA mu kiringo c’imyaka 4 atorwa ku majwi 100 kw’ijana, yaciye ashikiriza abaserukiye imigwi ya Karate mu gihigu cose (20), abagize urwego Nshingwabikorwa, na bo bakaba baciye babemeza ijana kw’ijana. Abari bitavye ayo matora bakaba bari 19 kuri 20 bategekanijwe, umwe akaba yarungitse uwumutorera.
Mu vyo azokora ngo harimwo, gushiraho abaserukira intara zitanu zigize igihugu c’ Uburundi, gushiraho intunganyo imwe mu ntara zose, kwubaka aho gukinira Karate (dojo) mu ntara, kwigisha indimi mvamakungu abakinyi ba Karate, kwigisha akarangamutima k’urwo rukino, n’ibindi.
Abagize Komite nshasha y’ishirahamwe ry’urukino rwa Karaté mu Burundi FEBUKA:
1/ Sylvain NZIKORURIHO: Atwara ishirahamwe
2/ Raphaël BINDARIYE: Icegera c’uwutwara ishirahamwe
3/ Réverien MBANZENDORE: Umunyamabanga Mukuru
4/ Bruce GATORE: Icegera c’ Umunyamabanga Mukuru
5/ Gilbert HAVUGIMPUNDU: Umuyobozi w’Umuhinga
6/ Gaston NDAYIKENGURUTSE: Icegera c’ Umuyobozi w’Umuhinga
7/ Annick MUHOZA: Umunyabigenga
8/ Athanase NIYONZIMA: Icegera c’ Umunyabigenga
C. Nkurunziza yambaye ikoti y’ubururu atanze ikidodo kuri S. Nzikoruriho yatowe gutwaye ishirahamwe.
Mwobibutsa ko Nzikoruriho Sylvain ari ku rwego rwa ”Centure Noir 1er dan” asanzwe ayifise, uwakoreye mu gata Christophe Nkurunziza yaratwaye iryo shirahamwe imyaka 8, yagiye amuhaye n’ikidodo c’iryo shirahamwe amwipfuriza kuroranirwa mu mabanga mashasha.

Related posts

Imigambi 4 ikomeye yihutirwa Diaspora ndundi izokora mu ndwi yabahariwe.

Yvan Manager

Bumamuru na Flambeau du Centre, urukino rutari rworoshe.

Buja Media

Finale PlayOffs 2025: Izotagura muriyi Week-end.

Yvan Manager

Leave a Comment