InkinoMuburundi

Seychelles ntiratsinda Uburundi na rimwe mu nkino 8 zose zabahuje.

Intamba mu Rugamba yatsinze ibitsindo 5 ku 0 igihugu ca Seychelles mu nkino zokurondera itike y’igikombe c’isi yose 2026, ibaye intsinzi ya mbere kuri Sangwa Patrick arikumwe n’umurwi w’ubuhinga (Staff technique) yiwe baronse kuva bataguye murayo mabanga hari kumwaka uheze. Intamba mu Rugamba babarushije kuva ku ntango gushika urukino ruhere. Uburundi bwaheruka gustinda ibitsindo birenga 5 haraciye imyaka 7 bahura na Sudani y’ Epfo.
Muri ivyo bitsindo 5 vyinjiye, harimwo 2 vya Caleb Bonfils Bimenyimana, kimwe ca Claude Girumugisha, hamwe n’ico Christophe Nduwarugira yinjije ku mupira mwiza ahawe na Marco Weymans. Igice ca mbere carangiye ari ibitsindo 3 ku 0 twaheruka kubona Uburundi binjiza ibitsindo 5 mu rukino rumwe mu mwaka hari kuwa 16 Munyonyo 2018 bahura na Sudani y’epfo babatsinda 5-2 harimwo bine vya Fiston Abdul Razak mu kurondera itike ya CAN 2012. Ku munsi w’ ejo vyaraye bisubiye kuba inyuma y’imyaka 7.
Nta rukino na rumwe Seychelles iratsinda Uburundi mu nkino umunani zimaze kubahuza
Uhereye mu mwaka w’2008, umugwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba umaze guhura n’igihugu ca Seychelles mu nkino umunani zose.
Mwomenya yuko gushika ubu Uburundi buri mu kibanza ca 3 n’ amanota 10 inyuma ya Gabon na Côte Divoire ziri mu bibanza 2 vya mbere. Seychelles yinjije ibitsindo bibiri, imaze kwinjizwa ibitsindo 30 iheranye ibitsindo 28. Uburundi bwinjije ibitsindo 13, bwinjizwa ibitsindo indwi. Buzigamye ibitsindo bitandatu.

Related posts

Amasezerano yo kubaka ishure ry’imyuga rizotwara imiliyaridi 30 z’amarundi.

Yvan Manager

Amatora 2025: ”Igikorwa co gutanga amakarata yitora cagenze neza” François Bizimana avugira CENI.

Yvan Manager

BURUNDI: Ntibucakiriye Namibia ku kibuga citiriwe Intwari

Buja Media

Leave a Comment