ImibanoMumahanga

Reta y’Amerika yahagaritse ibimenyeshamakuru 3 iha uburyo harimwo VOA.

Inkuru y’incamugongo ku bamenyeshakamakuru b’ijwi ry’rya Amerika (VOA), Radio Free Europe na Radio Free Asia bahagaritswe ubwo nyene ubutarariye mu kazi kabo ku ngingo yakoretse giturumbuka bakaja mu karuhuko batazi ryari kazohera yafashwe n’ubutegetsi bwa Trump abagiriza yuko bakorera mu bihugu bitwarwa n’abategetsi bakoresha igitugu. Guhagarika abo bakozi bije mu gihe Donald Trump yategetse ko hagabanywa amahera yose reta yatanga kubigo vyo kumenyeshamakuru harimwo U.S.Agency for Global Media ariyo VOA irimwo. 

Abamenyeshamakuru barenga 1300 harimwo n’abakora mu bindi bisata bakorana bashizwe mu karuhuko niyo ngingo yafashwe ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 15 Ntwarante igihe c’isaha icenda n’iminota 43, Crystal G. Thomas, umuyobozi w’ibiro vy’ishirahamwe USGM bijejwe ibikoresho vy’abantu, yararungikiye ubutumwa kuri E-mail abakozi bose ba VOA bamenyesheje iyo ngingo. 

RSF presenta una denuncia en Francia contra la red social X por ...
Thibaut Bruttin atwara Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF rimenyesha ko ibabajwe cane ikiyamiriza iyo ngingo ivuga ko itajanye n’akahise ka Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uwuharanira uburenganzira bwo kuronka amakuru ku buntu. RSF isaba reta ya Amerika gusubiza VOA, isaba inama nshingamateka hamwe n’amakungu kugira ico bakoze kuri iyo ngingo itari bwigere itangazwa. RSF yibutsa  kiyo ngingo ije kubangamiye abamenyeshamakuru bo mu kigo ca Reta zunze ubumwe za Amerika kijejwe itangazamakuru kw’isi ( USAGM), ubu bakaba bapfungiwe mu mahanga kubera bakora akazi kabo.

Iradiyo VOA ryashinzwe mu 1942 mu ntumbero yo kurwanya ukwiyamamaza kw’abanazi, ubu ikaba ishikira abantu imiliyoni 360 kw’isi kundwi. Mu 2024, Ikigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe itangazamakuru kw’isi (US Agency for Global Media) koresha abakozi bagera ku 3500 hamwe na miliyoni 886 z’amadolari

Mwomenya yuko VOA ni kimwe mu bishikirizwa n’iradiyo mpuzamakungu ijejwe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Ni yo radiyo mpuzamakungu ya mbere nini kandi imaze igihe kinini muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, imaza imyaka imyaka 83. VOA ishikiriza amakuru, ku mboneshakure n’ amaradiyo mu ndimi 47 ziri hanze y’igihugu ca Amerika.

Related posts

RDC: M23 wemeye guhagarika intambara..

Yvan Manager

Namibie: Netumbo Nandi yarahiye kuba Umukuru w’igihugu wa mbere w’umugore.

Yvan Manager

Elicom: ’’Abakenyezi turashoboye vyose, ivyo abagabo bakora’’.

Yvan Manager

Leave a Comment