Urunani waratsinze umurwi wa Dynamo ku rukino rukira kabiri ku manota 83-75, Gladiators mu bigeme batsinda Les Hippos ku manota mw’ihiganwa rya Play Offs iriko iraba ku kibuga c’Ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama hari kuruyu w’Imana uheze. Urukino ntirwari rworoshe cane ku mpande 2 kuko vyari bigoye kumenya uwuza gutsinda. Imirwi ya Les Hippos na Remesha ku bahungu.
Urunani bagumye bari imbere mu duce 4 twose (26-15, 46-39, 62-59, 85-76), umurwi wa Dynamo waguma ukurayo amanota biza kuragira Urunani arirwo rutahukanye itsinzi. Umukinyi Landry Ndikumana ariwe kandi capitaine wuwo murwi yatowe kariwe yabaye MVP wurwo rukino atsinze amanota 20, Rebond 5, atanze imipira ivamwo amanota hamwe na Muco Naomie wo muri Gladiators atsinze amanota 21, Rebond 10 , atanze imipira ivamwo amanota 4.
Mwomenya ko uwutahukanye iryo higanwa acaserukira igihugu mu nkino za Road to Bal 2025 zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo.