Imibano

“Night GALA Super 10 Magic”: Tantine SISI azohimbaza imyaka 10 akora ibikorwa mu gisata c’abana.

Azwi cane kw’izina rya Tantine SISI, ni umwe mu batumye amazina yabo avugwa cane mu kurwanira uburenganzira bw’abana mu Burundi.Signoline Aline Nibona amazina y’ukuri yiwe, amaze imyaka 10 akora ibikorwa vyo gufasha, kwitaho no kuvugira cane agateka k’ibibondo , yakoze ibitari bike, yegukanye ubushimwe bitari bike vyatanzwe n’amashirahamwe atandukanye yo mu gihugu ndetse nayo mu makungu ikorera mu gisata c’iterambere ry’umwana.

Ku wa gatanu, igenekerezo rya 5 Kigarama 2025, Tantine SISI azokoranya abatumire b’iteka, abakorera mu gisata c’abana hamwe n’abamaze kugirirwa neza n’ivyo bikorwa vyiwe, mu birori bidasanzwe vyiswe “Night GALA Super 10 Magic”, bizobera ku Qué Passa guhera isaha cumi na zibiri z’umugoroba (18h).Impunzu kubazokwitaba ivyo birori basabwa kwambara costume ku bagabo, ikanzu nziza yo kwitabura ibiro vy’iteka (robe de soirée ) ku bagore , aho ni mu gutuma iki gikorwa kiba gifise iyinsi shusho nziza y’iteka idasanzwe kijanye n’intumbero yaco.

Ku rutonde bizokurikirana uku gukurikira :
– Kwerekana ibikorwa vyakozwe mu myaka 10 iheze,
– Ubutumwa bw’abana n’urwaruka bafashijwe na Tantine SISI (Témoignage)
– Gushimira abafatanyabikorwa (Partenaire)
– Raoul le Comédien azoba ariwe Maître de Cérémonie, mu gihe DJ Zenobino azoba ariko araryosha ibirori mu kubaha neza imiziki ihariwe urwo rubanza nyezina.

Tantine SISI yarakoreye kandi ivyo bikorwa vy’abana no mu gisata c’inkino, yaratunganije inkino z’abana mu gihe c’Uburuhuko kugira afashe abana bava mu bibanza bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura kugira babone aho berekana ingabire zabo. Kubakunda ibikorwa vyiwe canke abipfuza kubimenyako vyinshi, urubibe rwaruguruye kuri bose narirya hasigaye iminsi mike ngo Noheri ibe, asubire ayihimbaze kandi nkuko yama abikora ukumwaka utashe.

Ntusibe iyi sabukuru kuko azoba ari igikorwa c’iteka mu gisata co gushigikira no gufatana mu nda abana benshi ata mahirwe menshi bagize yo kugira ubuzima bwiza nk’ubwa bandi.

 

Related posts

UMUKENYEZI YAGIZE URUHARA MUKUGARUKANA AMAHORO.

Buja Media

Umugambi PRRPB watanze inka 270 ku benegihugu bo mu ntara ya Kayanza.

Yvan Manager

Papa Francis yitavye Imana mu gatondo ahitanwe n’irwara.

Yvan Manager

Leave a Comment