MuburundiPolitike

Nestor Ntahontuye, yitavye inama mpuzamakungu y’ibihugu biri mu muryango UA.

Umushikiranganji wa Mbere wa Reta y’Uburundi Nestor Ntahontuye, yitavye inama mpuzamakungu y’ibihugu n’amareta bihurikiye mu muryango w’Ubumwe bwa Afrika izomara iminsi 4 yuguruwe kuri uwu wa 28 Gitugutu 2025 i Luanda ku mugwa mukuru w’igihugu ca Angola, ifise intumbero yo kurabira hamwe ivyo Afrika ifise n’ivyo ikwiye kwitwararika kugira ngo ishike kw’iterambere. Umukuru w’Igihugu ca Angola Joáo Lourenço arongoye iryo shirahamwe yamenyesheje ko igisata c’inyubakwa ari inkingi y’iterambere rya Afrika mu bisata vyose.

Umushikiranganji wa Mbere wa Reta y’Uburundi Nestor Ntahontuye, mw’ijambo ryiwe, na we nyene yamenyesheje ko igisata c’inyubakwa ari karahara mu ruganda ntibacura mw’iterambere ry’ibihugu, n’Uburundi burimwo. Ati: “iyi nama ibaye mu gihe Uburundi bwashize inguvu mu migambi y’inyubakwa kugira ngo vyorohereze Uburundi, akarere na Afrika gukorera hamwe mw’iterambere”.
Umushikiranganji wa mbere Ntahontuye yatanze uturorero tw’aho Uburundi bugeze mu gisata c’inyubakwa, nk’umugambi w’ibarabara ry’indarayi Uvinza-Musongati ufise ihangiro ryo kworohereza igihugu mu vyo gushora ubutare gifise, kugwiza umuyagankuba mu kwubaka ingomero, n’ibindi.
Ngo kubera imigambi bene iyo ikenera uburyo bwinshi kugira ishirwe mu ngiro, yaciye atumirira abakorera mu bisata vyigenga, n’ abashigikira igihugu c’Uburundi, kuza gufasha mu migambi igihugu gifise.
Abagiye barashikiriza amajambo bose bamenyesheje ko Afrika ifise ibikenewe vyose kugira itere imbere, ko ahubwo isabwa kubikomeza. Hanasabwe ko uruhusha rusabwa Abanyafrika rwitwa “visa” bagiye mu bihigu vya Afrika rukurwaho. Hatanzwe kandi uturorero tw’uko Afrika ifise izuba rikxiye n’imvura ikwiye, amazi, ubutare nka lithium bufasha mu guhingura amabateri, n’ibindi. Ngo ivyo Afrika ibifashe mu minwe yokworoherwa mw’iterambere ry’amasoko ntanganguvu n’amahinguriro. Muri iyo nama arimwo, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi yaronse akaryo ko kubonana n’Umukuru w’igihugu ca Angola Joáo Lourenço, aho bayaze ibijanye no gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi hamwe n’umutekano.

Related posts

Igikombe c’Umukuru w’Igihugu 2025: Tombola y’igice ca 1/16 yamenyekanye.

Yvan Manager

Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu mushasha ninde?

Yvan Manager

“Abakinyi bose bameze neza, hasigaye akazi k’umumenyereza” Patrick avugira Intamba mu rugamba.

Yvan Manager

Leave a Comment