Igisagara ca Mexico, kizokwakira umukino wo kugurura igikombe c’isi co mu 2026, kizoba gitaguye nyezina , kwakira abashitsi benshi bazoza baje kugendera ico gihugu , nk’uko abategetsi babimenyesheje ku musi wa gatatu, imisi 400 imbere y’uko amarushanwa atanguye. Igikombe c’isi co mu 2026 kizotagura igenekerezo rya 11 Ruheshi gushika 19 Nyakanga, ari co ca mbere kizoba kirimwo citabiriwe n’ibihugu 48, kizobera mu bihugu bitatu: Mexique, Amerika na Canada. Ibibanza bitatu gushika 16 vyatowe biri muri Mexique , ibibuga bikaba biri mu gisagara ca Mexique, i Guadalajara (hagati) n’i Monterrey (mu buraruko), bibiri biri muri Kanada, 11 na vyo bikaba biri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Abantu barenga miliyoni zitanu barindiriwe” mu gisagara ca Mexique niko umushikiranganji wa mbere mu gihugu Rosa Icela Rodriguez yavuze mu gihe yariko arashikiriza iyo gahunda hamwe na komite itegura urwo rubanza ku musi wa gatatu. Yavuze ko reta n’ubuyobozi bw’intara bariko barakorana “kugira ngo ubuhinga bube bube bwinshi mu nteguro yo kakira abo bantu benshi”.

Ico kibuga c’umupira w’amaguru c’i Aztec, kikaba caramaze kwakira imikino ibiri y’igikombe c’isi (mu 1970 no mu 1986), ubu kiriko kirasanurwa, kikaba gikoreshwa amadolari arenga miliyoni 100. “Izoba yiteguye” ku mukino wo gutagura neza ku wa 11 Ruheshi, nk’uko umuyobozi mukuru w’ico kibuga, Felix Aguirre, yavuze. Mu gihe hari ingorane z’umutekano mu gihugu gishikiwe n’ubugizi bwa nabi, umukuru w’igisagara ca Mexico, Clara Brugada, yatangaje ko hazogurwa amakamera mashasha 40.000, ivyo bikaba bizotuma ibitigiri vyose gushika ku 123.000. Igikombe c’isi ca mbere kizoba kigizwe n’imigwi 48 kizokwakirwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique. Ibihugu 3 vyo ku mugabane wa Amerika batowe kuruta igihugu ca Maroc kugira ngo bazokwakire iki gice ca 23 c’igikombe c’isi. Muri ayo mahiganwa manini manini y’umupira w’amaguru, Afirika izoserukirwa n’ibihugu icenda, canke mbere cumi.