Ihiganwa ritora umukobwa mwiz kandi aciye ubwenge ryarabandanije kandi kugira batore abigeme 15 bazobandanya mw’ihiganwa rya nyuma ryuno mwaka. Ivyo birori vyabaye kuwaa 20 Ruheshi mw’ihoteri Source du Nil i Bujumbura. Harabonetse abaserukiye amashirahamwe yafashije murico gikorwa ndetse n’abantu batandukanye. Murivyo birori barashoboye gutanga impapuro zemeza ko baronse inyigisho kubijanye no gutegura imigambi bahawe n’ikigo PAEEJ ivyo bikazobaha kandi ayandi amahirwe n’inyuma yivyo bikorwa barimwo.Â
Abigeme bose bashoboye guhiganwa uwo munsi bari 30, umurwi ndangakaranga Abagumyabanga, umugavanzi Alpha Brown wo mu mugwi Runtown Deejays n’abaririmvyi All Saint na Kaboule nibo bariko bararyosha ibirori. Bano bigeme bakaba kandi bishuye ibibazo bishingiye ku migambi bariko bahiganisha, no ku vyo bigishijwe mu gihe bari bamaze iminsi bakarihirizwa ubumenyi ku vyerekeye ukwitunganiriza imigambi, ugusaba ingurane canke ubufasha mu gushira mu ngiro imigambi, isuku mu butinyanka, ivyerekeye kanseri yo mu bwinjiriro bw’igitereko, n’ibindi.
Amazina y’abigeme 15 bagiye mu gice ca nyuma :
1. Iteka Nelly Charlène
2. Tania Bazahica
3. Irakoze Iris Gloria
4. Iteriteka Daisy Gianna
5. Mugisha Jennifer
6. Niyonkuru Laly Linca
7. Kaneza Kellia Lagloire
8. Nshimirimana Neema Ciella
9. Gateka Marie Majeure Kaysha
10. Niyomugisha Valérie Glorieuse
11. Mugisha Monica Céleste
12. Kubwarugira Quessia
13. Kezimana Elsa
14. Kenguruka Délia Ketina
15. Nsabimana Emicha Bella
Uyu mwaka hari hiyandikishije bose hamwe abigeme bo mu gihugu cose barenga 150, ibirori vya nyuma(Finale) bizoca biba igenekerezo rya 27 Mukakaro uyu mwaka.