Amazina cumi (10) yaraye amenyekanye y’abigeme batowe mu gice ca kane gishira ica nyuma mu ntara ya Butanyerera mw’ ihiganwa rya Miss Burundi 2025 yabere muri Zoom Hall mu ntara ya Ngozi. Kuruhande rwa rw’intara ya Bujumbura bazoca bagira ico gice nyene igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2025 . Murivyo birori vyari vyatewe iteka n’ Umuhuza w’ Abarundi Aimée Laurentine KANYANA asanzwe avuka muriyo ntara.
Aimée Gloire Ishimwe umwe mubagize umugwi utegura ihiganwa Miss Burundi kucivugo kigira kiti “Ingo Tujane”.arashimira inzego zose z’igihugu i babafasha gushikana indoto zabo ati: ”Turashima kandi tuzokwama dushimira inzego zose z’igihugu kuko bahaye ikibanza gikwiriye urwaruka g’uburundi bakama badufasha gushikana indoto zacu kure no ku twunganira aho bikenewe. Umuririmvyi Canco Amisi ati : “Ese icompa muvyeyi ukaramba nkamana nawe, nkakubwira ikimbabaje, ukampumuriza umutima” Ubwo nibwo buvyeyi twababonyemwo. Murakaramba !”
Aimée Gloire Ishimwe ashishikara ahimiriza abo bigeme gukura amaboko mu mpuzu bagakora cane: ”Turahimiriza zina murundi wese aho aherereye na cane cane bano bigeme bavuye mu mihingo yose y’igihugu kw’itabira akamo ka Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu cacu ciza c’uburundi, aho asaba gukura amaboko mu mpuzu ngo dukore ndetse : “ UMUNWA WOSE URONKE ICO UFUNGURA N’UMUFUKO WOSE URONKA AMAFARANGA”, tukabishira mu ngiro twisunze vision y’igihugu 2040 – 2060 aho twipfuza ko Uburundi, buba igihugu cifashe mu mwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ine, igihugu giteye imbere mu mwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo itandatu”.
Mwomenya yuko ihiganwa yuno mwaka rifise icivugo “Ingo Tujane”, igenekerezo rya 20 Ruheshi mu gisagara ca Bujumbura hazoba igice ca kabiri gishira icanyuma.