Kirsty Coventry yatowe gutwara ishirahamwe mpuzamakungu y’abanonotsi CIO(ComiteĢ International Olympique) mu nama igira 144 y’uwo muryango i Costa Navarino mu Bugiriki, hari kuwa 20 Ntwarante 2025. Kirsty Coventry afise ubwenegihugu bwo mu mugihugu ca Zimbabwe. Abaye umugore wa mbere atwaye CIO kandi w’umunyafrika. Ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi barongowe na Lydia Nsekera baramukeje bamwipfuriza kuroranirwa mu mabanga mashasha azoyashikira kuwa 23 Ruheshi.
Kirsty Coventry w’imyaka 41 abaye uwutwara CIO agira 10 muri kahise haciye imyaka 130 ibayeho. Yahiganwe n’abagabo 7, Kirsty yahoze ari umunonotsi ya bigize umwuga mu rukino rwo kwoga, n’ umukenyezi wenyene mubitoza kandi y;abatsinze mu gice ca mbere gusa. Yasubiriye Thomas Bach wo mu gihugu c’Ubudagi. Amazina 6 yabariko bahiganwa ni Kirsty Coventry, David Lappartient(France), Sebastian Coe(Angleterre) nyene World Athletics, Juan Antonio Samaranch Jr (Espagnol) , Morinari Watanabe(Japonais), Faisal al-Hussein(Jordanie) etJohan Eliasch(Sweden).

Kirsty Coventry n’inde n’ ibiki vyamuranze :Ā
Kirsty Coventry yavukiye i Harare ku murwamukuru wa Zimbabwe yize yongera aba umunonotsi muvyo kwoga muri UniversitĆ© d’Auburn en Alabama muri Amerika , muri 2004 yaratwaye imidari 3, muri PĆ©kin yatwaye imidari 4 hari mu 2008.
Mu 2017, yarabaye umushikiranganji w’inkino n’urwaruka, yarabaye umunonotsi muvyo kwoga wa mbere arusha abandi yagize umwanya muto cane kw’isi yose agaragara n’uwukomeye kumugabane w’Afrika gushika nuyu munsi. Paul Chingoka yatwaye ishirahamwe ry’abanonotsi murico gihugu yamwinse ”Kari ubutunzi bwa Zimbabwe”. Umukuru w’igihugu Robert Mugabe yamutaziriye ” Umukobwa w’inzahabu” acamuha amadorare y’amerika ibihumbi 100 kubera yigejeje neza mw’ihiganwa ry’abanonotsi mu 2008.
Mu 2016, Coventry yasezeye kwoga burunduĀ inyuma y‘inkino z’abanonotsiĀ zigira gatanu, yatsindiyeĀ imidari myinshi mu kwoga kw‘abagore mu mateka y’abanonotsi CIO. Ni umwe mu bagize komite mpuzamakunguĀ y‘imikino z’abanonotsi (CIO), akaba yaratorewe kuba umuyobozi wa komisiyo y’abanonotsi ba CIO, urwego ruserukira abanonotsi bose kw‘isi yose, mu ntango z‘umwaka wa 2018.