Mumahanga

Joe Biden yagiye muri Israel haturika igisasu gihitana abashika 500.

Mu gatondo kuwa 18 Gitugutu 2023, Joe Biden Umukuru wa reta nzuze ubumwe bwa Amerika yagize urugendo muri gihugu ca Israel agaragaza ko yifatanije nabo muribi bihe vy’intambara ndetse yarafise kurutonde no kuganira n’abamwe mu bategetsi  mu gisagara ca Jordanie ukuntu intambara barimwo intambamyi bariko barahura nazo, yakiriwe n’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu aho yarageze i Tel Aviv.

Nkuko ayo makuru ashikirizwa n’ibinyamakuru vyo mu bwongereza, bavuga yuko urwo rugendo Joe Biden yagize rwahuye n’ingorane zikomeye kuko hari ikintu caturitse ku bitaro muri Gaza bikavugwa yuko hoba hari abanya Palestine bashika 100 boba bahitanwe nico gisasu. Joe Biden yamenyesheje yuko anbabajwe cane n’abapfuye.

Joe Biden akimara gushika bagiranye ikiganiro n’abanyamakuru barikumwe na Benjamin Netanyahu bahuye n’ abagize reta ya Israel bavuganye ibintu bitari bike bifitaniye isano niyi ntambara imaze guhitana abatari bake ku mpande zose hadasizwe inyuma amazu amaze kuhononekarira.Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje ko abantu amajana n’amajana baguye mu gitero c’indege y’ingwano ya Israel. Ico gitero cakomerekeje kandi Abanyapalestina n’abandi bantu bari bahungiye muri ivyo bitaro.

Benjamin Netanyahu yasavye Joe Biden imfashanyo ya gisirikare n’ubufasha bwa miliyari 10 z’amadorari, nkuko vyemezwa n’ikinyamakuru CBS News. Ishirahamwe ONU isaba ihagarikwa ry’intambara hagati ya Israel n’umurwi Hamas.

Related posts

Ihadabu ry’imiliyoni 10, sentare yaciriye umugore yabenze uwamurihiye kaminuza mu Buganda.

Yvan Manager

Mark Carney umushikiranganji wa mbere mushasha wa Canada yatowe ku majwi 85,9.

Yvan Manager

Zimbabwe: hafashwe abantu 95 bari mu myiyerekano yo kurwanya ubukene.

Yvan Manager

Leave a Comment