Jean Jacques Boissy agiye gukina mu murwi Milwaukee Bucks mw’ihiganwa NBA Summer League i Las Vegas ryo ku mugabane wa Amerika rizotagura igenekerezo rya 10 gushika 20 Mukakaro uyu mwaka. Iryo higanwa rifise intumbero ryo kumenyereza abakinyi urwego rw’inkino za NBA kubera baba bavuye kurwego rw’inkino zo muma kaminuza baja kurwego rw’abakinyi babigize umwuga ivyo bigaha amahirwe menshi abakunzi hamwe n’abamenyeshamakuru kubafasha ico gikorwa kidasanzwe.
Jean Jacques Boissy yaraciye mu murwi w’ Urunani mu mwaka uheze ndetse aba umukinyi yatsinze amanota menshi yongera aba umukinyi yigejeje neza kurusha abandi MVP, uyu mwaka yagize ukuboko kwiza akina umurwi wa Al Ahli Tripoli wo mu gihugu ca Libiya atsinda amanota menshi acaba MVP aho yahaye itsinze acatanga amahirwe batsindira igikombe c’ihiganwa rya BAL 2025.

Ayo mahirwe adasanzwe Boissy yaronse vyaciye bituma atazoshobora kuboneka mu nkino za Play Off umurwi Rwanda Energy Group (REG BBC) yataguye gukinamwo kuva muri Nzero 2025 yakinamwo bazohura na APR (Armée Patriotique Rwandaise) atazoboneka kandi bizotuma ataboneka mu ntango zo kwitegura mu nkino za Afrobasket-2025.
Mwomenya ko Jean Jacques Boissy yabaye umukinyi wa mbere abaye MVP wo mu gihugu ca Sénégal, biuma ihiganwa yico gihugu rimenyekana cane kurwego mpunzamakungu, yaratanze icizere kinini ku rwaruka rufise indoto ryo gukina ku mugabane wa muri NBA.