Ishengero rya Bonne Evangile rigiye gutunganya ku ncuro igira icenda ihiganwa rihuza amazone 13 agize igisagara ca Bujumbura, iryo higanwa rikazotangura kuva italiki 13/07 gushika kuwa 10/09/2026, rikazobera ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri muri zone kinama mu ntumbero yo gufasha urwaruka muribi bihe vy’uburuhuko bigasahiriza mu ndero kandi no mu migambo ya minsi yose iryo shengero rifise ari gufasha igihugu mu gukurikirana urwaruka ntiruje mu bitagira akamaro mu gihe c’uburuhuko.Â
Umuvuga butumwa Apotre Jean Claude Nimubona arongoye ishengero rya bonne Evangile, iryo higanwa ko baritunganya muntumbero yo kubwira ejambo ry’Imana urwaruka ruri muburuhuko hamwe n’uguhuza abantu mubutandukane bwabo biciye munkino.

Mur’ico kiganiro hakaba hari hatumiwe abakorera mu gisata c’umupira w’amaguru, nk’umumenyereza w’umurwi Magara Star, abafise ico bajejwe mu rwego rukuru rw’urukino rw’umupira w’amaguru FFB, rikaba rifashwe mu mugongo n’ishirahamwe Cashtel na Big Land. Urukino rwo kwugurura iryo higanwa ruzokinirwa kukibuga co muri zone Kinama kuwa 13 Mukakaro ni mugihe urukino rwanyuma ruzokinirwa ku kibuga CTN igenekerozo rya 10 Myandagaro.