InkinoMuburundi

Intamba mu Rugamba na Gambie biza guhera gute?

Intamba mu rugamba baraza gutana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Gambie mu gihugu ca Kenya isaha zitatu zijoro ku masaha yo mu Burundi urukino ruraza kubera ku kibuga Nyayo Stadium mu nkino zo kurondera itike yokuja mu gikombe cisi kizoba 2026 muri Amerika.

Umurwi w’Intamba wazindutse ugira imyimenyerezo y’ abakinyi bakoze aga Sceance gato ko gushusha imitsi (Réveil Musculaire) nkuko ayo makuru tuyakesha abariyo.Urukino abarundi barindiranye igishika kuko Gambie bari mu kibanza ca kane n’amanota 7, abakurikirana hagufi Uburundi babonako baza kubatsinda kubera bafise umurwi mwiza kandi bariko baramenyerana mu kibuga. Jordi Liongola araza kuboneka mu kibuga uyu munsi mu gihe urukino ruheruka atabonetse kumvo zuko yarafis ikarata isa n’umuhondo bitamwemerera gukina.

Hamwe Gambie yotsinda Uburundi boca banganya amanota bagaca baraba uwurusha uyundi ibitsindo akaba ariwe acaza imbere mukibanza ariko Gambie igatakaza urukino baca baguma murico kibanza ca kane barilwo kubera umurwi  wa 5 ni Kenya ku manota 6 iyiza mu kibanza canyuma ni Seychelles atarukino narumwe baratsinda bafise amanota 0.

Related posts

“Dufise abatovyi benshi” Inter star yaramenye ko Vital’O irimwo mu bashaka kuyisambura.

Yvan Manager

” Imyiyamamazo yagenze neza muri rusangi ” uwigenga Dieudonné Nahimana.

Yvan Manager

Ibitsindo 21 vyaranze indwi ya 14 muri Primus Ligue Burundi.

Yvan Manager

Leave a Comment