InkinoMuburundi

Intamba mu Rugamba na Gambie biza guhera gute?

Intamba mu rugamba baraza gutana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Gambie mu gihugu ca Kenya isaha zitatu zijoro ku masaha yo mu Burundi urukino ruraza kubera ku kibuga Nyayo Stadium mu nkino zo kurondera itike yokuja mu gikombe cisi kizoba 2026 muri Amerika.

Umurwi w’Intamba wazindutse ugira imyimenyerezo y’ abakinyi bakoze aga Sceance gato ko gushusha imitsi (Réveil Musculaire) nkuko ayo makuru tuyakesha abariyo.Urukino abarundi barindiranye igishika kuko Gambie bari mu kibanza ca kane n’amanota 7, abakurikirana hagufi Uburundi babonako baza kubatsinda kubera bafise umurwi mwiza kandi bariko baramenyerana mu kibuga. Jordi Liongola araza kuboneka mu kibuga uyu munsi mu gihe urukino ruheruka atabonetse kumvo zuko yarafis ikarata isa n’umuhondo bitamwemerera gukina.

Hamwe Gambie yotsinda Uburundi boca banganya amanota bagaca baraba uwurusha uyundi ibitsindo akaba ariwe acaza imbere mukibanza ariko Gambie igatakaza urukino baca baguma murico kibanza ca kane barilwo kubera umurwi  wa 5 ni Kenya ku manota 6 iyiza mu kibanza canyuma ni Seychelles atarukino narumwe baratsinda bafise amanota 0.

Related posts

Primus Ligue Burundi: Ku musi ugira 23, ryasozerewe gute?

Buja Media

Imirwi 3 yaduze muri Primus Ligue 2023-2024 yamenyekanye.

Buja Media

Brésil : Carlo Ancelotti yagize urutonde rw’abakinyi azokwifashisha bategura igikombe c’isi 2026, Neymar atarimwo.

Buja Media

Leave a Comment