Abarundi baba hanze y’ihigugu ”Diaspora ndundi” bagiye gutegura ihiganwa “Inkingi z’imbonakazoza Event” ku barundi bafise impano zitandukanye bikazobera mu ntara zagutse uko ari 5. Iryo higanwa rizokorwa mu mice 5 ariyo kuririmba, gucapa, ivyese, gutweza hamwe n’abakina amareresi.Iryo higanwa rizokwisunga imigambi imbononokazoza y’igihugu cifashe 2040, hamwe n’igihugu giteye imbere 2060 ku civugo “Twubake Uburundi bw’ejo mu guhindura ingendo n’inyifato twishimikije ubumwe, ubumenyenyi n’impano”. Abazotsinda mu muce wose bazohabwa imiriyoni 3. Ihiganwa rizosozerwa igenekerezo rya 27 Ruheshi 2025.
Samuel Ndayiragije atwara ishirahamwe ry’abarundi baba hanze yashikirije imigambi 4 mikuru mikuru bagiye gukora vuba cane mu guhimbaza indwi yahariwe abarundi baba hanze yama iba uko umwaka utashe. Imigambi bagiye gukora harimwo uwo bise “Inkingi z’imbonakazoza Event” wo gutegura iryo higanwa rizoza riraba buri mwaka, uwugira kabiri bise ”Diaspora Home comming 2025″ abazokwitaba iyo ndwi bazohurira hamwe n’abandi barundi bazoba baje bava mu bihugu bitandukanye baganire vyinshi bibahanze, uwa gatatu ni “EAC Diaspora Summit”, aho aba diaspora b’abarundi bazohura n’abandi bava mu bihugu bigize umuryango wa EAC bazoja hamwe hanyuma bungurane ubumenyi, uwa nyuma azoba ari “Umwiherero w’indongozi za diaspora ndundi”, bazomara iminsi 3 bigira hamwe ibibazo bihanze igihugu muri rusangi hamwe n’ivyokorwa bizoba biri mu bisata bitandukanye igize ubuzima bw’igihugu.

Abarundi bari muriryo shirahamwe bazomara iminsi ndetse bashobore kwirabira iryo higanwa ry’barundi bafise impano zitandukanye kuribo bipfuza ko hari urwaruka rukiri ruto canke babandi bari kure cane hagati mu gihugu bazoshobora gutorwamwo bagaronka agashimwe.
Abategura iryo higanwa ko bazokorana n’abandi basanzwe babimenyereye haba mu bategura ibiteramwo bazoba bavuye muribo canke mubazova murizo ntara nyene zizohiganwa. Bose bazohiganwa bisunze ca civugo, umwe wese mu vyo azohiganiramwo akazokwerekana ingene Uburundi bwoshika kw’iterambere hamwe n’ivyokorwa kugira ngo bushike ku mbonakazoza y’igihugu cifashe mu mwaka wa 2040, hamwe n’igihugu giteye imbere 2060. Kubazokwipfuza guhinganwa bobimenyesha baciye ku nimero +257 77 115 115. Mwomenya ko azoba ari ihiganwa rya 2 batunganije.