Inkino

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Intara ya Ngozi izokwakira ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa n’imiduga bakunda kwita Rally, ku magenekerezo ya 18 gushika 20 Myandagaro uyu mwaka, imirwi ishika 23 niyo igiye kuzokwitaba iryo higanwa. Imirwi izoba yitabiriye ihiganwa harimwo 13 ivuye hano mu Burundi, iyindi yo mu gihugu c’Urwanda, Tanzanie hamwe no muri Uganda n’ahandi.

Iryo higanwa ririndiranwe n’abantu benshi kuko yaheruka kubera ngaha mu gihugu cacu hari 1993, iryo higanwa rikaba rizoba rigabuye kubiri, irizoba ari irisanzwe hamwe n’irindi rizoba ari mpuzamakungu .Mwomenya yuko iyo imirwi yose abazohiganwa bashika 46 kuko umurwi wose uzoba userukiwe n’ umunyonzi umwe hamwe n’uwuzomufasha.

Urutonde uko rallye rizogenda.

Tubamenyeshe ko Club Automobile yo mu Burundi bateguye ihiganwa bavuga ko vyose bizogenda neza ko n’ikimenyamenya batanze inyigisho zikwiye ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kuzoshikiriza amakuru neza.

Related posts

BUMAMURU FC VS FLAMBEAU DU CENTRE NINDE AZOJA MU KIBANZA CA 1?

Buja Media

Dieudonne Kwizera yatowe kandi gutarwa FAB imyaka 4.

Yvan Manager

Play Off 2025: William Perry mu murwi w’ Urunani BBC.

Yvan Manager

Leave a Comment