InkinoMuburundi

Ibitsindo 21 vyaranze indwi ya 14 muri Primus Ligue Burundi.

Ku nkino igra 14 mw’ihiganwa rya Primusic hinjiye ibitsindo 21 ku nkino 8 harimwo urwabereye irya 1 ku kibuga Intwari cari kimaze imyaka irenga 4 atarukino bahakirira inyuma yuko ishirahamwe ry’ umupira w’amaguru mu Burundi FFB ufatiye ingingo yo kuriha imiriyoni 5 kumurwi uzoshakira kuhakinira. Umurwi wa Aigle Noir watsinze Kayanza United ibitsindo 8 kuri 2, uguma uri mu kibanza mu kibanza ca mbere n’amanota 31 bagifise inkino z’ibirarane 2 batarakina. Abdi Ineza yatsinzemwo 3 acakwiza ibitsindo 15 mu nkino 12 

Urukino rwari rwitezwe cane gose ku ndwi ya 14, Inter Star yakira Vital’O ku kibuga Intwari kuruyu w’Imana igenekerezo rya 30 Munyonyo. Urukino rwari rubereye ijisho ku mpande zose barasatira kuva ku gice ca mbere gushika ku munota wa nyuma ariko urukino rwagiye guhera iyo mirwi 2 isazwe ikebana kuva kera bagabuye bagabuye amanota kubera ko baganije 0-0. Harabonetse imipira myinshi yatewe igakubita kw’ipoto. Inyuma yo kunganya na Vital’o Footbal Club (0-0) muri derby y’i Bujumbura, Inter Stars Official uciye ukwiza amanota 12 n’ibitsindo 9 bishuzwa.

Aigle Noirs yatsinze ibitsindo 8 vyose Kayanza United ku kibuga NPPC kiri muri komine Makamba mu ntara ya Burunga imbere yabakunzi benshi ba Aigle Noir. Kayanza United niyo yataguye gutsinda 2-0 ariko igice ca mbere cagiye guhera Aigle Noir itsinze 5-2. Murivyo bitsinzo Abdi Ineza yatsinzemwo 3 acakwiza ibitsindo 15 mu nkino 12 gusa ari nawe nyene aza kw’isonga mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi gushika ubu. Vision FC yatsinzwe kandi 1-0 na Ngozi City ku kibuga Vision isazwe yakiriramwo icikwiza inkino 5 zikurikirana itsindwa.Dusubiri inyuma gato Ngozi City 1-0 Vision FC ,Vision FC 0-2 Bumamuru FC , Flambeau du Centre Fc 3-0 Vision FC , Vision FC 1-3 Muzinga FC , BS Dynamik 1-0 Vision FC .

Kurikirana uko izo nkino zose bagiye bararushanwa kuriyi igira 14:

1/ Bumamuru FC 2 – 1 Messager
2/ Muzinga FC 0 – 1 Musongati FC
3/ BS Dynamik 1 – 3 Rukinzo FC
4/ Garage Express 1 – 0 BG Green Maze FC
5/ Aigle Noir CS 8 – 2 Kayanza United
6/ Ngozi City 1 – 0 Vision 2026 FC
7/ Inter Stars 0 – 0 Vital’O FC
8 /Flambeau du Centre 2 – 1 Olympic Star
Ivyo biruko mu gihe igice ca mbere ciri higanwa ”Phase Aller” isigaje gusa indwi 2 kugira ihere, Aigle Noir iri mu kibanza ca mbere n’amanota 31, mu bibanza 3 vyanyuma birimwo BG Green Maze FC, Garage Express na BS Dynamik

Related posts

“CECAFA Senior Women’s Championship”: Uburundi bwatsinzwe 3-0 na Kenya.

Yvan Manager

Ancelotti ava muri Real Madrid aja gutwara umugwi w’igihugu ca Brésil.

Yvan Manager

Amazina y’abakinyi bazokina urukino na Cameroun yamaze kumenyekana.

Yvan Manager

Leave a Comment