Imirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara hagati CEPI baraye bashize ahabona amajwi y’imfata ikibanza yivyavuye mu matora y’abajenama bama komine yabaye kuwa 5 Ruheshi. Umugambwe CNDD-FDD uri mu kibanza ca mbere mu ntara 5 arizo Bujumbura, Butanyerera, Buhumuza, Gitega hamwe na Burunga nkuko ayo makuru tuyakesha imboneshakure y’igihugu. Intara ya Butanyerera ifise amajwi ibice 99 kw’ijana. Mu gihugu cose, hazoba hari intebe 1052 z’abajenama ba komine. CNDD-FDD iza irya mu kibanza ifise intebe 1031 (98%), hakurikira UPRONA ku ntebe 16 (1,52%) hanyuma CNL yaronse intebe 4 (0,38%). Umugambwe utakwije amajwi 2 kw’ijana mw’ikomine witojemwo waca uvamwo.
Mu ntara ya Gitega (Gitega, Muramvya, Mwaro na Karusi).

Mu ntara ya Bujumbura (Bujumbura, Bubanza, Cibitoke na Bujumbura rural)
Mu ntara ya Bujumbura izoba igizwe n’igisagara ca Bujumbura, Bubanza, Cibitoke hamwe na Bujumbura benshi bakunda kwita Bujumbura Rural. Umurwi wigenga ujejwe amatora mu ntara ya Bujumbura watangaje ibiharuro . Mu makomine 11 agize intara ya Bujumbura havuyemwo ikomine ya Mukaza intebe 2 ari abari mu mugambwe Uprona, CNDD-FDD yaronse intebe 22 kuri 25 zitegekanijwe. Kuri komine 11 zigize iyo ntara ya Bujumbura yagutse, imwe yose ifise intebe 25 z’abajenama b’amakomine. Izo ntebe zose zatsindiwe n’umugambwe CNDD-FDD, izo komine ni : Bubanza, Bukinanyana, Cibitoke, Isare, Mugina, Muhuta, Mpanda, Mugere, Mukaza, Ntahangwa na Rwibaga ukuyemwo komine Mukaza honyene CNDD-FDD yaronsemwo intebe 22, Uprona ironka 2 nayo CNL ironka intebe 1.
Mu ntara ya Buhumuza (Muyinga, Ruyigi na Cankuzo)
Umugambwe CNDD-FDD ni wo uza imbere mu kuronka intebe z’abajenama ba komine nyinshi aho warose 168 kuri 175, hakurikirana Uprona ifise intebe 6 hamwe n’intebe 1 umugambwe CNL. Iyo ntara ifise ama komine 7 ariyo Butaganzwa, Butihinda, Gisuru, Ruyigi, Muyinga, Gisagara hamwe Cankuzo.Mu ntara ya Butanyerera (Ngozi, Kayanza hamwe na Kirundo).
CNDD-FDD mu ntara ya Butanyerera izoba igizwe n’intara ya Ngozi, Kayanza hamwe na Kirundo. Baca batwara intebe zose mu ma komine yose uko ari 8. Inama mpanuzwajambo ya Komine ikazoba igizwe n’abajenama ba Komine . Uko niko imigambwe yarushanije amajwi mu matora y’abajenama b’amakomine mu ntara ya Butanyerera: CNDD-FDD yaronse amajwi 99 kw’ijana, Uprona ibice 0.58 kwijana, CNL ifise 0.32, uwigenga Viateur Ndayishimiye 0.014 hamwe na FNL yaronse 0.006.