Hagiye ahabona ibiharuro mfatakibanza vya rusansuma mu Burundi yabaye mu 2024 vyerekana
kubarundi 12.332.788 mu gihugu, ibice 52.2 kw’ijana ni igitsina gore, ibice 47.8 kw’ijana nabo ni igitsina gabo, 32.9 bakaba badashikana imyaka 25 nayo 42.8 bari munsi y’imyaka 40 nkuko vyashizwe ahabona n’itegeko ry’umukuru w’Igihugu inimero 100/032 ryo kuwa 27 Ntwarante 2025 ryasohotse itangaza ivyavuye muri Rusansuma y’abantu uburaro uburimyi n’ubworozi yo mu 2024. Komine Ntahangwa yo mu gisagara ca Bujumbura iza ubwa mbere ibamwo abantu benshi ku bitigiri 927.907, Intara ya Bujumbura iza imbere kurusha izindi bafise abantu ibice 27.2.
Nkuko tubibona kuriyo tegeko ryagiye ahabona, rimensha yuko ingo 2.724.457 mu gihugu, ibice 85.7 yazo zikaba zibeshejweho no kurima, ibice 75 y’Abarundi baba mu mitumba n’ibice 25 mu bisagara. ibitigiri vy’intara nshasha uko ari 5 birimwo nk’akarorero, intara ya Bujumbura igizwe n’igisagara ca Bujumbura, Bubanza, Cibitoke hamwe na Bujumbura benshi bakunda kwita Rural, irimwo ibice 27.2 y’Abarundi bose, Butanyerera irimwo Ngozi, Kayanza na Kirundo ifise 20.5, Gitega nshasha igizwe na Gitega, Muramvya, Mwaro hamwe na Karusi bashika ibice18.5, Burunga igizwe na Makamba, Rumonge, Bururi na Rutana irimwo ibice 17.2 hamwe na Buhumuza irimwo Muyinga, Cankuzo, Ruyigi hamwe na ibamwo ibice 16.6.
Kubera yuko iyo rusansuma yarifatiye ku buraro,uburimyi n’ubworozi iryo tegeko ryashize ahabona bimwe vyo murico gisata mu gihugu cose nk’akarorero inzu zisanzwe 2.396.931, 7.567 akaba ari inzu zibamwo benshi, hakaba na nyakatsi 42.336 bo n’utururi 17.910. Mu gihugu hari impene n’intama 2.672.662, inkwavu imiriyoni 1.3, ingurube 850.297 bo n’inka 782.462
Mu Burundi bwose kuriyo rusansuma ingo 933 zirorora insanzi, 445 zikorora ibifyera, 438 zikorora ibikere hanyuma ingo 490 zikorora imisiba
Komine Ntahangwa kw’isonga ry’urutonde rw’amakomine 5 ya mbere abamwo Abantu benshi
ng’aya ama komine atanu(5) ya mbere abamwo abantu benshi mu Burundi:
1/ Komine Ntahangwa (Bujumbura) : 927.907
2/ Komine Gitega (Gitega) : 528.528
3/ Komine Mugere (Bujumbura) : 512.881
4/0Komine Muyinga (Buhumuza) : 495.927
5/ Komine Kirundo (Butanyerera) : 478.492