Imibano

Ibigo vy’irerero ry’abana bahawe imfashanyo n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda.

Imfashanyo igizwe n’amata y’abana, ifu y’umusururu, isukari n’amata yo gufungura nivyo kuruyu wa 11 Mukakaro 2025, Imelde Sabushimike Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gufatana munda n’agateka kazina muntu yatanze ku marerero y’abana 20 afashwa mu mugongo n’ubwo bushkiranganji. Umushikiranganji arashimira ku mutima w’urukundo berekana ku bibondo bareze mu kubafata nk’ababo naho baba atari abo bibarutse ari ivyo gushima.

Umushikiranganji ajejwe gufatana mu nda ati: «Twama turiko turayaga ku bw’ubuzima bw’ibibondo mureze, hari abadushikirije ibibazo mufise muri mwebwe. Tumaze kuvyumva, twaragize umwitwarariko kugira ngo bikunde naho twoba duke mushobore kuturonka». Nkuko iyi nkuru tuyikesha urubuga rwimboneshakure y’igihugu, Imelede Sabushimike yongeye ati, «Aho murera turamenya ko bibagora, ko hari ivyo mubura, ariko mukabandanya mugerageza kugira abana bakure».

ImageUmushikiranganji wo gufatana mu nda yaboneyeho kubatera intege ngo babandanye ico gikorwa ciza. Yabemereye ko Ubushikiranganji aramutswa buhari kugira ngo buterere agacumu k’ubumwe mu vyo bushoboye. Umushikiranganji Sabushimike Imelde, yaciye ahamagarira n’abandi barundi, eka n’abandi bose bafise umutima w’urukundo, ngo bashigikire ibigo bireze abana batagira abavyeyi.Yanavuze ko yipfuza ko abana bokurira mu miryango gusumba mu bigo. Asaba cane cane incuti zoba zizi abana bari mu bigo nk’ivyo, ko zofasha kugira abo bana bazobandanirize kurererwa mu miryango kugira bazogire kazoza keza.Uwaserukiye abaronse izo mfashanyo yashimye cane umutima w’urukundo Umushikiranganji yerekanye.

Related posts

Professeur Émile Mworoha yitavye Imana ku myaka 85.

Yvan Manager

Amaziko ya Papa Fransisko azoba kuwa 26 Ndamukiza muri Bazilika ya Mariya mweranda.

Yvan Manager

Gitega: “Birashoboka kw’abakenyezi n’abigeme batera imbere bakoreye murunani”

Yvan Manager

Leave a Comment