InkinoMuburundi

Gambie yaratsinze Uburundi, bose baraganya amanota 10.

Urukino rugira kabiri, Intamba mu rugamba baratakaje imbere y’umurwi wa Gambie mu gutsindwa ibitsindo 2 ku busa bw’Uburundi mu nkino zo kurondera itiko yo kuja mu gikombe c’isi kizoba umwaka uza wi 2026 ku kibuga Nyayo Stadium mu gihugu ca Kenya. Igihugu c’Uburundi kigira 139 kurutondo rwa Fifa ariko Gambie igira 123. Urukino rw’ibanze Uburundi twari twabatsinze 3 kuri 2.

Urukino rwashoboye kurarwa n’ikibazo camatara yashoboye kugira aikibazo ntiyaka biza gutuma urukino ruhagarara mu gice ca mbere c’urukino ariko igihugu ca Gambie ntibacitse intenge bashitse batsinda igitsindo ca mbere ku munota wa 31 igitsindo ca kabiri catsinze mu gice ca kabiri urukino ruza guhera murubwo buryo. Igihugu c’Uburundi kigira 139 kurutondo rwa Fifa ariko Gambie igira 123. Gushika ubunyene Uburundi na Gambie baciye banganya amanota 10 bose, umurwi wa Sechelle ntarukino narumwe baratsinda. Gushika ubu biragoye kuvugako Uburundi buzojayo kubera amanota bafise ari make.

Mwomenya ko gushika ubu ibihugu 48 arivyo bizoja muriryo higanwa ry’isi yose muri afrika mu gihe ubwa mbere yari imirwi 32 gusa.

Related posts

Etienne Ndayiragije, atsinzwe urukino rwa mbere mu Ntamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Paul Kagame akina umupira w’amaguru.

Yvan Manager

Sylvain Nzikoruriho yatowe gutwara ishirahamwe FEBUKA imyaka 4.

Yvan Manager

Leave a Comment