Ishirahamwe Fondation Pax Burundi batunganije ikiganiro kubanditse n’abamenyeshamakuru kugira batumenyeshe aho bagejeje imyiteguro yo kwakira urukino bazokina na ASAS Djibuti mu nkino za CAF Confederation ruzoba igenekerezo rya 21 Nyakanga kuri Stade Intwari. Fondation Pax Burundi ibicishije kuri Leonce Ntakiturimana icegera c’umuvugizi ciryo shirahamwe hamagarira abarundi bose kugira bazoze kubwinshi kugira ikibuga cose kijamwo abantu ibihumbi 16 kizobe cuzuye. Abazokwitaba bose urwo rukino bazoba bambaye impunzu zisa ziriko inkona imbere kandi ko n’uruhande rw’abakinyi bose biteguriye itsinzi.
Integuro yurwo rubanza azoba idasanzwe, abari mu murwi wa mbere bise VVIP bazoriha amahera ashika 1.000.000 w’amarundi bazohabwa umupira uri mubwoko bwa Lacoste, Badget izomwicarika mukibanza citeka acaja no mu gatutu, umurwi wa kabiri azoba ari aba VIP bazotanga amahera ashika ibihumbi 500, umupira usanzwe bace baja mu gatutu kangana n’amahera batanze. Abashaka imipira isanzwe bazoyigurira muma karitiye no hagati mu ntara. Abatazoshima kwambara uwo mwambaro bazokwambara imipira yanditseko Nkurunziza CUP imbere handitseko Ejo niheza ariko abasangwanwe iyo mipira bazokwiyandikisha kugira bose bazobe bicaye hamwe bivanye n’imyambaro isa.
Kuruhande rw’umutekano, abajejwe umutekano bababa 300 baheruka kuronswa inyigisho z’umutekano kubibuga niho bazoba bariko barakurikirana murico gisata, ku magara y’abantu hazoba hari rusehabaniha 2 (Ambulance) ivyo vyose ni kugira bazoronke amanota meza kubarorerezi badasanzwe ba CAF bazoba ariho bari. naho kubijanye n’ibinyamakuru, hemerewe gusa amasamirizi n’ibinyamakuru vyandika gusa gukora ikibiriraho ariko ku mboneshakuru bizosaba kuganira nuwo murwi bakabihurizako. ku ruhande rw’imico nakaranga hazoba hari imirwi iryosha ibirori yo mu gisagara na hagati mu gihugu. Kukibazo cabazogurisha ivyo kwivuna umusase, Leonce yashikirije ko intunganyo yivyo yobazwa FFB kubera ariyo ibazwa kirya kibanza.
Umurwi wa Aigle Noirs bazotagura kwimenyereza ku kibuga Intwari, Fondation Pax igiye kuvugana nuwutwara SOPEBU kuzokorohereza abashaka igitoro kugira bazoze bavuye mu gihugu cose, umuntuwese azoba yemerewe kugura imipira 2 gusa kugira ntihagire uwikika mu kiza agurishe amahera arenze.
Mwomenya ko umurwi wa Aigle Noirs ubu uri mu kibanza ca mbere n’amanota 9 bakaba babitse ibitsindo 10 mw’ihanganwa rya Primus Ligue gushika ku ndwi ya 3 ariko ku ndwi ya kane izokwakira ku kibuga cabo NPPC kuruyu w’Imana Aigle Noirs izokina na Messager Ngozi.