InkinoMuburundi

Flambeau du Centre iraganije, Aigle Noirs yatakaje amanota 3.

Aigle Noir aratakaje amanota 3 itsinzwe na Al Ahly yp muri Misiri ku rukino rwa CAF Confederations rwabaye kuruyu wa gatandatu ku kibuga Intwari imbere y’abarorerezi benshi bari baje gushigikira urwo rukino rwari rwatewe iteka n’umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu Angeline Ndayishimiye arikumwe n’abandi bategetsi batandukanye. Flambeau du Centre ufashijwe na Edisson Munamba yabahaye igitsindo baca banganya igitsindo 1-1 n’ umurwi Singida Black Stars wo mu gihugu ca Tanzaniya. Iyo mirwi yose izoca ikina urukino rwo gusubiriza muriyi ndwi itaguye.

Urukino rwari rugoye kubona uko ruza guhera kubera igice ca mbere Flambeau du Centre bagiye mu karuhuko banganya 0-0 ku bundi. Mu ntango gato  Urukino rutaguye, ku minota 54, Clatous Chama wo muri Singida Black Stars atsinda ica mbere inyuma gato ku munota wa 60, Edisson Munamba abatsinze ica mbere kuruhande rwabo urukino ruca ruhera banganije.

“Nibaza ko kenshi abahagarikizi bahengamira ku mugwi wakiriye, nibaza ko natwe bizogenda nkuko i Dar-es-Salaam ” . Miguel Gamond
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru inyuma y’urukino, uwo mumenyereza yagize ati :
“Si nkunda kuvuga ku bahagarikizi, ariko banse igitsindo kubera ari hors-jeu ariko kandi twari no gushobora kuronka penalty mugabo abahagarikizi ni abantu bashobora kwihenda.Kunganya urukino si gutsinda, twaronse uburyo bwinshi bwo gutsinda ariko twahuye n’umugwi ukomeye wa Flambeau du Centre Fc , umunyegori wacu yakoze ikosa rikomeye rivamwo igitsindo.Twakinye neza, twinjije igitsindo co hanze, ubu naho twonganya ubusa k’ubusa, tworengana. Si naronse ama vidéos menshi ya Flambeau mugabo aho bashitse berekanye ko bafise urugero rwiza. Twabasumbije kenshi mu rukino gusa abafana b’abarundi babafashije na cane cane mu minota ya nyuma y’urukino. “
Aigle Noir watsinzwe igitsindo witsinze mu gice ca mbere c’urukino Abarwanyi ba Aigle barerekanye urukino rwiza cane bibatuma baronka uko basatira igori rya Al Alhly urukino ruca ruhera ku igtsindo 1-0 mu gihe igice ca mbere bariko bakina urukino rwo kugara cane inyuma.
Abarorerezi benshi barahimbawe n’urukino Aigle Noir yerekanye bivanye nuko bakinye imbere y’umurwi wa mbere muri Afrika. Benshi bagumany icizereko Aigle Noir izoshobora gutsinda kuruhande rw’umuyobozi wa Aigle Noirs yatanze imiliyoni 300, imiliyoni 10 ku mukinyi wese  hamwe botsinda bagakuramwo Al Alhly.
Aigle Noir izoca ikina urukino rwo gusubiriza igenekezo rya 25 Gitugitu Misiri, Flambeau du Centre izoca ija gukina basubiriza igenekerezo rya

Related posts

Ihiganwa rya Rallye ryarahagaze inyuma y’urupfu rw’umwe mubakinyi bawo.

Yvan Manager

Muso Sugar muri Primus League Burundi.

Buja Media

Bamwe mu bakinyi b’Intamba mu Rugamba bamaze gushika muri Cameroun

Yvan Manager

Leave a Comment