Uguhura kwa Félix Tshisekedi na Paul Kagame giturumbuka umwe wese atavyo yari yeteze ariko igihugu ca Qatar cabahuje yarazi ahanini ivyikoze hari kuwa 18 Ntwarante mu gisagara ca Doha, ibiganiro vyahamagawe ndetse bigirisha n’umwami wico gihugu ca Qatar. Abo bakuru b’ibihugu 2 ntivyari gukunda yuko bahahurira iyo bamenya hakiri kare bivuye ukuntu ibiganiro vya Luanda bitakunze yuko bishishikara. Ubucuti bukomeye Qatar ifitiye ivyo bihugu 2 nivyo vyatumye badashobora kwanka ubwo butumire naho atanumwe yaje azi ikiza kuba. Bemeranije ko bagiye kubandanya ivyo biganiro vyo muri Qatar bakubakira ku bimaze gushikwako mu biganiro vya Luanda na Nairobi.
Gushika ubu uravye amajambo yo gutyozanya hagati yaba bakuru b’ibihugu 2 bahanahana vyari bigoye cane gusubira kwicarana hamwe bakaganira nkuko abakurikirana hagufi ibibazo vyo muri kano karere babibona. Igihugu ca Qatar caramaze gufata inzira nziza haraciye imyaka irenga 20 yo guhuza ibihugu canke imihari imwe imwe idahuza n’ibihugu bitandukanye ivyo bikabonekera muri kahise ka vuba Qatar giheruka guhuza nk’akarorero mu 2020 yabaye umuhuza mu biganiro vy’amahoro hagati y’Abatalibani na Amerika mu gushaka inyishu ku ntambara yari imaze imyaka 18 muri Afghanistan. Mu 2022, Qatar yahuje reta ya Tchad n’imirwi irwana.
Umukuru w’igihugu ca Congo Félix Tshisekedi yagiranye amasezerano yunguka hagati ya Qatar Airways na DR Congo mu bisata bitandukanye harimwo ivy’indege zisanzwe nivyo gukorana mu bijanye no gutumatumanako amakuru (ICT).
Umwami wa Qatar Sheikh Tamim bin Hamad Al Thani i Doha barateyeko amasezerano n’Urwanda yo gukomeza kubaka ikibuga c’indege kiri i Bugesera c’agaciro ka miliyari $1.3 mu 2019, ikindi Qatar yiyemeje gushiramwo ibice 60%. Mu 2020 Qatar Airways kompanYi y’indege y’iki gihugu yaguze IBICE 49% Vya RwandAir, kompanyi ya Reta y’u Rwanda.