MumahangaPolitike

Elon Musk yahevye DOGE, asubira mu gukurikirana ubudandaji bwiwe.

Elon Musk yavuye mu mabanga yari ajejwe yo gutwara igisata c’ubuhinga bwa reta, aho yashinzwe na Donald Trump muri Mukakaro kugira ngo agabanye cane amafaranga reta ikoresha. Uwo murwizatunga wa mbere kw’isi yose avuga ko ubu ashaka gusubira kwibandaniriza  ku bucuruzi bwiwe cane cane Tesla iri hagati mu bibazo.Igihe ca Elon Musk mu gisata c’ubuhinga bwa Leta (DOGE) caheze. Uwo mukuru wa Tesla na SpaceX ariko aragenda imbere gato y’itariki ya 28 Rusama, inyuma y’aho yari arasabwa kwubahiriza ibisabwa vyo gukorera mu mu mategeko yashizweho ikoraniro kaminuza.

Amaze gusubira ku butegetsi, muri Mukakaro, Donald Trump yamuhaye igikorwa co kurongora utwigoro two kugabanya amafaranga reta ikoresha no gusenyura ibisata vyinshi vya Leta nk’umukozi yihariye wa Leta. Mu misi 100 ya mbere y’ikiringo ca kabiri ca Trump, uwo mucuruzi yakoresheje ubwenge bwinshi ntiyatinye gukora ikintu ccatagaje ibinyamakuru vyinshi nk’igihe yaraserutse ari kumwe n’umuhungu wiwe mu biro vya Oval kugira ngo ashire mu ngiro ivyo ivyo yasabwe. Mu burongozi bwiwe, DOGE yarakuyeho ibibanza vy’abakozi ba reta ibihumbi mirongo, igabanya n’infashanyo za Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuja murayo mabanga vyatumye vyica ishusho yiwe nk’umurwizatunga akomeye, abatari bake bari bataguye kumunegura.  Naho yari akiri murico kibaza imbere y’ubutegetsi muri White House ku musi wa gatatu mu kwakira Cyril Ramaphosa, umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo, Elon Musk amaze indwi zitari nke ataboneka cane ari kumwe na Donald Trump. Mu mpera z’umusi uheze, urubuga rwa Elon Musk rwitwa X rwahagaze mu gihe gito, vyatumye umukuru warwo atangaza ko azosubira mu bikorwa vyiwe vy’igihe cose. Musk yanditse inyuma yaho hacitse umuyangankuba uhagaze ati: “Gusubira ku kazi iminsi 7 kundwi n’amasaha 24, kuryama mu vyumba vy’inama /ivyumba vy’amaserveri vy’uruganda.” “Ndakeneye kwitaho kandi cane kuri X/xAI na Tesla (ushizemwo n’ugutangura kwa Starship mu ndwi iza) kuko dufise ubuhinga buhambaye bwo gukoresha.” Uburyo bwo guhindura kahise n’ivyamubayeko ku nzira yiwe y’ivya politike.

Uruganda rwiwe rukora imidoka ikoreshwa n’umuyagankuba iri mu Bufaransa.

Tesla iri mu bibazo, Musk yasubiye inyuma. 

Ivyo bije mu gihe Tesla, ishirahamwe ryayo rinini cane, ririko rigwana n’ingorane. Iryo shirahamwe rikora imodoka zikoresha umuyagankuba ryatangaje ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka, ubucuruzi bwaryo bwagabanutseko ibice 13 kw’ijana, ari co igihombo kibi kuruta ibindi vyose kuva mu mwaka w’2022. Ico gihombo kibaye mu gihe  kurwanya urudandazwa rwiwe aho yakora imodoka zikoresha umuyagankuba navyo nyene vyaragwiriye, abantu amajana n’amajana bakoraniye muri Ntwarante hanze y’amaduka ya Tesla ku musi w’isi yose wo kwiyamiriza Elon Musk. Yari yaravuze ko guhera mu kwezi kuza, azogabanya uruhara afise muri DOGE, asaba ko yokwiyemeza gukora umusi umwe canke ibiri mu ndwi. Kubera ko DOGE ivuga ko ifise amadolari imiliyaridi 160, kure cane y’amadolari ibihumbi 2 yari yitezwe mu ntango, DOGE ntiriko iraserukira ukuroranirwa kw’amahera yari yizigiwe.  Ariko ku ruhande rwa Trump, biguma ari uguterimbere gukomeye kw’intango y’ikiringo ciwe.

Elon Musk, ubu afise ubutunzi bugera kuri miliyari 428 z’amadolari nk’uko ikinyamakuru Forbes kibivuga, na we nyene yatangaje ko azogabanya amahera atanga mu vya politike. Yabishikirije mu nama idasanzwe iraba kuvy’ubutunzi muri Qatar, amaze gutanga amadolari arenga miliyoni 290 mu matora y’abarepubulikani mu 2024, ati: “Nzokora bike cane muri kazoza”.

Related posts

CENI imenyesha ahigejeje gutegura amatora yi 2025.

Yvan Manager

Joe Biden yasavye ibindi bihugu bacuditse kubandanya bafasha Ukraine.

Yvan Manager

“Intwaro Ibereye”: E. Ndayishimiye arikumwe mu kiganiro n’abahoze batwara igihugu c’Uburundi.

Yvan Manager

Leave a Comment