InkinoMumahanga

“Dufise abatovyi benshi” Inter star yaramenye ko Vital’O irimwo mu bashaka kuyisambura.

Abarongozi b’umurwi Inter Star baratanze umuco kubimaze igihe bivugwa yuko Youssouf Ndayishimiye na Bonfils Caleb Bimenyimana bipfuje kugura umugwi wa Inter Star ariko ntibabihurizako n’uburongozim uwo murwi bakagiriza Olivier Niyungeko “Mutombola” yahora amenyereza Umugwi wa Inter Star, Steve Nzigamasabo yaciye mu mugwi wa Vital’o FC na Paris Sahabo yahora amenyereza Vital’o FC. Inter Star “ngo bafise abatovyi benshi, muri bo harimwo abava mu mugwi bakebana wa Vitalo FC aho bavuga ko babononeye vyinshi ariko ngo barahumba,Inter Star ufise abakunzi benshi ntaco uzoba” Vyagiye ahabona mu kiganiro batanze kubamenyeshamakuru yabaye kuwa 16 Ruheshi.
Murisho Ramadhan, umuvugizi wa Inter Star yamenyesheje ko abakinyi babiri, Youssouf Ndayishimiye na Bonfils Caleb Bimenyimana bipfuje kugura umugwi wa Inter Star ariko ntibabihurizako n’uburongozi , kuko bashaka kugura uwo mugwi ube rwabo bwite mu gihe uburongozi bwo bwipfuza ko boza bagafashanya kwubaka uwo umugwi. Abo bakinyi 2 bamaze kubona ko bidakunze. baciye bagura umurwi Royal Vision 2026. Kubwa Inter Star, ngo ibiganiro hagati ya Inter Star n’abo bakinyi 2 vyari bigeze kure habura gato kubera hariho ico batumvikanyeko bashaka ko bagahinyanyura.Peut être une image de 4 personnes, personnes jouant au football, personnes jouant au foot et texte
Umuvugizi zuyo murwi yamenyesheje ko mu mwaka uheze zi 2024-2025, bakoreshejeuburyo bungana n’imiriyoni amajana abiri na mirongo umunani n’umunani mu mafaranga y’amarundi( 288 millions fbu)m ko ibice 90 kw’ijana vyavuye kubakunzi bari ahatandukanye ayandi ibice 10 kw’ijana yavuye mu buryo bwavuye mu kugurisha amakarita y’abanwanyi buwo murwi.
Mwomenya ko Inter Star muri Primus Ligue iheze bahejeje ari aba 8 n’amanota 48 mu nkino 30, mu gikombe c’umukuru w’igihugu bagarukira mu gice ca kane gishira ica nyumam baheruka gutwara irya nyuma iryo higanwa mu 2008.

Related posts

Igikombe c’Umukuru w’Igihugu 2025: Tombola y’igice ca 1/16 yamenyekanye.

Yvan Manager

Umwami w’Ubwongereza yemanze amabi bakoreye Kenya mugihe c’ubukoroni.

Yvan Manager

DJ Ira yahawe ubwenegihugu bw’Urwanda.

Yvan Manager

Leave a Comment