DJ Ira yasavye Umukuru w’Igihugu c’Urwanda ubwenegihugu mu kiganiro yagize n’abanyagihugu kuwa16 Ntwarante muri Bk Arena, abarundi bati ”Ico umwana w’umwami aririye arakironka”, agiheza kubisaba gusa, Paul Kagame yabimwemereye atavyisnhi amubajije ariko amubwira ko ibisigaye ari kubikurikirana mu nzira bikorwamwo. Dj Ira umunezero mu maso uramurenga, aduza amaboko yompi ayakoza ku munwa wiwe nk’ikimenyetso co gusoma kw’itama Paul Kagame.
Ku Kibuga BK Arena mu kiganiro cakoranije abanyagihugu 8000, DJ Ira yafashe ijambo atagura kwidodora, ashima ikiganza ciza afise muruwo mwuga, agirako ashikiriza iciyumviro ciwe biboneka yuko yarakimaranye igihe kitarigito harimwo no gushima ivyo yahabonye vyiza. Akivuga warumva yuko agikoresha ururimi rw’ikirundi rurimwo namwe mu majambo yo mu congereza acarya umutima amenyo ashikiriza akari kamubakiye ku mutima ati : “Ndashaka kubashimira ukuntu umwana w’umunyamahanga ahabwa amahirwe nk’uwundi mwana wese w’Umunyarwanda. Ikindi n’ ukubashimira ukuntu umwana w’umukobwa aronka amahirwe nk’umwana w’umuhungu. Iki gihugu jewe nakiboneyemwo umugisha udasanzwe. Dukunze guhurira mu bikorwa bitandukanye, karya kaziki uhora utamba na jewe ndi mubahora bagutambisha, icipfuzo canje n’ ukubasaba ubwenegihugu bw’u Rwanda nkitwa umwana w’Umunyarwandazi nkaba uwanyu.” Paul Kagame yariko yishura ibibazo, ntiyafashe umwanya wo kwiyumvira vyinshi yishuye yuko amwemeye ati “Ababishinzwe hano bavyumvise, ndabikwemereye ahasigaye ubikurikirane. Ibisigaye ni ukubikurikirana mu buryo bigomba gukorwa gusa, nakubwira iki.”

Mu majambo yo gushima DJ Ira yashize kuruga rwiwe ashima inyuma yivyo birori yagize ati :”Indoto zibaye ukuri, ndashimiye cane Nyakubahwa Paul Kagame kubwo kunyemerera Ubwenegihugu! Murakoze kumpa amahirwe angana n’uwundi mwana wese w’umunyarwanda…”
Umwigeme w’umurundikazi Iradukunda Grâce Divine azwi nka DJ Ira w’imyaka 28, yagize ukuboko kwiza murico gihugu kuva agishika, yatoranwe umwuga wa muvyarawe Dj Bisoso yari yaje kumuramutsa, yamufashije gutagura ivyo vyokuvanga imiziki mu 2015.

DJ Ira yavukiye mu ntara ya Gitega, kuwa 7 Nzero 1997. Mu 2016, DJ Ira yatanguye kumenyekana cane, maze ashirwa mu ba DJ bacuraranze mw’ihiganwa rya Primus Guma Guma Super Star. Imyaka yakurikiyeho yamubereye umugisha avanga imiziki mu birori bikomeye birimwo n’ivyo kwamamaza Umukuru w’Igihugu mu bihe vy’amatora. DJ Ira yavuze ko yagize amahirwe menshi murico gihugu n’umwe mu bakunzwe mu rwego rw’imyidagaduro mu Rwanda, n’ikimenyamenya yakoze mu birori n’ibitaramo bitandukanye bikomeye harimwo Miss Rwanda 2017 na 2022, Trace Awards & Festival 2023, na Basketball Africa League (BAL).