MuburundiPolitike

Amatora 2025: ”Igikorwa co gutanga amakarata yitora cagenze neza” François Bizimana avugira CENI.

Amakarata yose yatowe ashika ibice 99, 17 kw’ijana ayatatowe na benyene amakarata ni 0,83 kw’ijana kubera ayari ateguwe yose yashika 5.963.917 nkuko vyemezwa na Francois Bizimana kuriwe ashima yuko ico gikorwa cagenze neza mu gihugu cose ashishikara abwira batashoboye kuyatora bazoyasange ku biro vy’amatora mu ma komine yabo CECI gushika igenekerezo rya 2 Ruheshi kugira baronke uburenganzira bwo kwitorera indongozi zizobaja imbere mu matora y’abashingamateka hamwe n’abajenama bama komine azoba igenekerezo rya 5 Ruheshi 2025 kuva isaha cumi na zibiri zo mugatondo gushika isaha icenda ku bazi buze basabwa gutwara agapapuro baronse igihe biyandikisha (récépissé) kugira ngo bazibakorere.
May be an image of ticket stub and text that says 'CARTE D'ELECTEUR Elections des Conseils Communaux 2 3 Elections des Députés 1 REPUBURIKA Y'UBURUNDI REPUBLIQUE REPUBLIQUEDUBURUNDI DU BURUNDI IKARATA Y'AMATORA CARTE D'ELECTEUR pour stp န့သဘ၃ု 3 Elections des Sénateurs 1 2 2025-2027 72 3 Elections des Conseillers de Colline de Quartier S apspusss Elections Présidentielles/Ter Tour 2027 2 3 TA ላሄሽ TRAVAIL MRIE Elections Présidentielles/llème Tour 2027 1 12 2 3 IBISABIVE: -Iyi kurata iyawe utegerezwa kuyishingura neza. Iyı karata ntisuburıra ikarata arangamuntu. Ninaguaramushbwekubomnjychabicj Niyagutakarana usabwe wekubimenyeshaal ekubimeny bajejwe aTarora ห rwega rw Ikomine wiyandikishurjeko.'
Ikarata bzokoresha mu gutora.
François Bizimana Umuvugizi w’Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI kuri uyu wa 20 Rusama 2025. amenyesha ko igikorwa cagenze neza mu gihugu cose, aho amakarata yose hamwe yari 5.963.917, ayatowe akaba angana 5.914.498( 99,17), ayatatowe na beneyo akaba angana na 39.419 (0,83). Bizimana François arongera akamenyesha ko mu ntara, gutora ayo makarata y’itora vyagenze neza. Mu ntara ya Buhumuza amakarata yatowe ku bice 98,58, Burunga 98,58, Butanyerera 99,28 , Bujumbura 99,45 hamwe na Gitega 99,66.
Ivyo abishikirije mu gihe haciye iminsi 7 gusa abazokwitoreza murayo matora ahaba abanyamigambwe cane abingenga bataguye kwiyamamaza bikazohera igenekerezo rya 2 Rusama.

Related posts

BURUNDI: IGISHASHA PEREZIDA YAKUYE MU RUGENDO YAHORAMWO.

Buja Media

Emmanuel Macron yakiriye umumenyeshamakuru Olivier Dubois yanyurujwe haraciye hafi imyaka 2.

Yvan Manager

Paul Kagame yakiriye ubutumwa bwa mugenziwe w’Uburundi.

Yvan Manager

Leave a Comment