Xavi Alonso atanguye urugendo rwiwe rushasha kuri Real Madrid n’inyuma yo kuba umukinyi hanyuma akaza kumenyerezaa abakiri bato, yahoze ari umunyegori agiye kumenyerezaumurwi wa Casa Blanca amasezerano y’imyaka 2. Yerekanywe mukanya gaheze y’ibinyamakuru y’itangazamakuru kuri uyu wa mbere kuwa 26 Rusama .

Yahoze amenyereza Leverkusen yatanguye avuga. “Bwakeye. Ni ukuri, uyu ni umunsi udasanzwe cane kuri jewe. Umunsi nzokwibuka mu buzima bwanje bwose. Ndanezerewe cane kuba hano, mu gihe nisanga nk’aho ari iwacu. ubucuti muri Real Madrid ntibwigeze buhagarara, kandi kuva igihe ninjira i Valdebebas hashize isaha n’iminota cumi, uwo munezero wagarutse ku buryo budasanzwe. Ndumva ari itanguriro ry’igihe gishasha. Florentino, urakoze cane ku bw’ukwizera kwawe. Ndumva abakunzi, abakunzi ba Real Madrid, biteguye gutangura iki gihe gishasha, gikuru ni kwandika amateka y’iyi kipe ikomeje kuba iryoshe kubamwo. Na none urakoze ku muryango wanje, wamye umfasha muri vyinshi.”
Ashimira uwasubiriye.
Xavi Alonso arashima ashikiriza amajambo kuri Carlo Ancelotti. “Mbere yo kwinjira mu gihe gishasha, sinshaka kwibagira igihe kirangiye. Carlo yari umumenyereza wanje, umuntu mwiza cane kandi afise vyinshi yanyigishije kandi nzoshishikara kumwigirako. Ata ngabire yiwe, sintari gushobora gushika ngaha. Nipfuza gukora vyiza kurusha ivyo banyitezeko ndetse no gushikana kure umurwi wanje. Ndizera ko nzogera ku buryo bwiza bw’iteka kandi nkayobora ikibuga hejuru cane. Twinjiye mu gihe gishasha aho numva umurwi hamwe n’abafana bari hamwe bose kandi neza . Dufise umurwi ukomeye, abakinnyi beza cane n’ikibanza ciza cane. Ivyo bituma mfise impamvu zo gusubira hano n’ishaka ryinshi kugira dukorane neza hanyuma ndabahe umwimbu ungana naho mwari mwipfuza gushika. Twizeye ko dushobora gukora ibintu vyiza, bikwiriye Real Madrid kurwego rwi Burayi. Turashaka gushimisha abafana, guhereza ivyiyumviro n’umunezero. Turashaka ko abantu baza mu kibuga kugira ngo bakine. Hamwe twoshobora kuronka ako kanyamuneza, tuzoba dufise inguvu zidasanzwe. Ni vy’ukuri ko dushobora gushikira ibintu bihambaye. Murakoze cane. Hala Madrid.”
Mu gusozera ico gice ca mbere c’ikiganiro cimbere y’abanyamakuru, yifotoje yambaye umwambaro w’umugwi.