ImibanoMumahanga

Abakaridinali batanu bo muri Afrika buca batora Papa.

Abakaridinali 133 bazotora uwundi mu papa mushasha mu matora azobera ku wa gatatu, igenekerezo rya 7 Rusama, muri bo, batanu baturuka ku mugabane wa Afrika kandi bakaba bahagarariye imigwi itandukanye mw’idini rya Katolika bari mu mive 2 kuva ku bacungere b’ukwemera gushika ku baharanira impinduka.

Abo ba Kardinali 5 bose bafise ibintu butandukanye ndetse nibokorwa bagiye bakora bituma bashikira ayo mabanga barimwo uyu munsi aba uburenganzira bwo gutora umu papa mushasha.

     Ni bande abo batanu, n’ ibiki vy’abaranze: 

Le Ghanéen Peter Turkson participant à la conférence « Reconstruire l'avenir pour les peuples et la planète » à la Casina Pio IV, siège de l'Académie pontificale des sciences, dans les jardins du Vatican, le 9 juin 2022.
Kardinali Peter Turkson.

Umunya Ghana, Peter Turkson, aharanira agateka ka zina muntu hamwe  muntu. Ku myaka 76, yaramaze imyaka hafi icumi arongoye inama ya Papa “y’ubutungane n’amahoro”. Hafi ya Papa Francis, yamurungitse muri Sudani y’epfo kuba umuhuza, Peter Turkson ariko afise ivyiyumviro vyinshi kumurusha, na cane cane ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.

Le Congolais Fridolin Ambongo compte parmi les quelques cardinaux considérés comme de potentiels successeurs au pape François.
Kardinali Kongo Fridolin

Musenyeri mukuru wa Kongo Fridolin Ambongo afise imyaka 65 y’amavuko, akaba ari mu gitigiri c’abazotora. Azwi cane kubera ivyo avuga n’ivyiyumviro vyiwe kuri poritike y’igihugu ciwe, aharanira ubutungane mu kibano, kurwanya ubukene na demokarasi. Arongoye umurwi uhuza abasenyeri bo muri Afrika, kandi yari mu ba kardinali bakikuje Papa Francis.

Stephen Brislin, alors archevêque du Cap, tout juste élevé au rang de cardinal par le pape François au Vatican, en 2023.
Kardinali Stephen Brislin.

Umunya Afrika y’Epfo, Stephen Brislin, ni umunyepolitike ashira imbere umwidegemvyo. Ku myaka 68 y’amavuko, ni we wenyene mu ba kardinali babiri bo muri Afrika y’Epfo bashoboye gutora kuko atarashika ku myaka 80, nk’uko vyashikirijwe na Wilfrid Fow Napier. Mu 2023 yashizwe mu kibanza c’umukardinali inyuma yo kuba musenyeri mukuru wa Cape Town hanyuma wa Johannesburg. Yiyemeje kandi agashigikira kazoza k’abahoze ari abakozi b’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro barwaye indwara z’amahaha, kandi yiyamirije ubu buryo bw’igiturire mu 2017.

Le cardinal centrafricain Dieudonné Nzapalainga accueilli par les cardinaux lors d'un consistoire public ordinaire en la basilique Saint-Pierre, au Vatican, le 19 novembre 2016.
Kardinali Dieudonné Nzapalainga.

Dieudonné Nzapalainga afite imyaka 57, ni umuntu akomeye ashira imbere cane ibijanye no gusubiza hamwe  mu gihugu ciwe c’amavuko, Republika ya Centrafrique. Ashira imbere ibikorwa no gushira ahabona  amahoro yatowe nk’umupatiri mu 1998, naho mu 2012 yagenwe kuba umwepiskopi na Papa Benoit wa XVI. Yashizeho iumugambo wo gukingira abakene no mu gushaka agateka ka muntu. Benshi biyumvira ko ashobora gusubirira Papa Fransisiko, uwo nawe bari basagiye ivyiyumviro  bimwe.

Le cardinal Robert Sarah apparaît pour la présentation du livre du cardinal Raymond Leo Burke, à Rome, le 14 octobre 2015.
Kardinali Robert Sarah.

Afise amamuko yo mu gihugu ca Guinea, Robert Sarah, aserukira ihuriro ribungabunga umuco mu Muryango wa Kanisa. Ni umwe mu bagize umurwi w’abazotora kandi yamenyekanye cane imyaka icumi iheze n’igitabo ciwe “Dieu ou rien” aho asomesha imisa mu rurimi rw’ikilatini, akiyamira ihindagurika rya liturjiya ku mugabane wa Afrika kandi yamirira kure ubugeni bw’abasabiye ibitsina.

Related posts

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Yvan Manager

Vatikano: Abakardinali batanguye imyiteguro yo gutora Papa mushasha.

Yvan Manager

Ihayanishwa ry’amafoto 289 nk’ikimenyetso c’ubutumwa bw’amahoro.

Yvan Manager

Leave a Comment