MuburundiPolitike

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Évariste Ndayishimiye, yaratunganije kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 2025, mu Ngoro y’igihugu Ntare Rushatsi, inama ikomeye n’abarongoye ibinyamakuru. Iyo nama yashizwe mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro mu ntumbero y’ukwerekana uruhara ibinyamakuru bifise mw’iterambere rusangibno gushimangira uruhara bafise mu guhindura igihugu kikagira ishusho ryiza mu mpinduka ndetse no mu mico y’abanyagihugu.

Iyo nama yabaye mu buryo bwo kuganira, yatanze akaryo ku bamenyeshamakuru n’abandi bakora mu gisata c’aboshi (+°0+°ko kugaragaza ivyiyumviro vyabo ku bibazo vy’igihugu, ku nshingano zabo hamwe no ku kuntu bashobora guteza imbere igihugu biciye mu bikorwa vyabo. Umukuru w’igihugu yarashimiye uruhara rwabo, avuga kandi ko ashaka ko iyo nama iba intango y’umwaka w’ibikorwa vyinshi, yibutsa ko itangazamakuru rifise uruhara rukomeye mu guhindura ivyiyumviro no guteza imbere igihugu.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yarasiguye kandi ibijanye n’ugushiraho uburyo bushasha bw’ubuyobozi bushingiye ku gushigikira ineza y’abanyagihugu. Yaciye ahamagarira abajejwe intwaro bose, kuva hasi gushika hejuru, kwitanga no kwegera abarundi.Muri iyi mpera z’umwaka zashizwe mu kurondera indero n’ivy’ukuri, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yaramenyesheje ko hagiye gutangura ihiganwa ry’igihugu ryo gushimira no gukenguruka abakoze ivy’indero n’iterambere, mu ntumbero yo gushigikira aberekana ubuhinga n’ubushobozi no guteza imbere umwimbu mu bisata vyose.

Peut être une image de une personne ou plus et texte
Abamenyeshamakuru bitavye ikiganiro (Photo Ntare House).

Ku bijanye n’isura y’igihugu, yateye akamo abamenyeshamakuru ko bogira uruhara rukomeye mu gukangurira abanyagihugu, bagashira ahabona ivyagezweho, ariko kandi bagatanga n’akarorero ku bibazo bikibangamiye igihugu kugira ngo habeho ibisubizo birama.Yaranashimiye kandi ibikorwa vyiza vya SOPEBU mu gukingira ikibazo c’ibitoro, aravuga ko ubutunzi buhari bushimishije, asaba kandi abanyagihugu ko boguma maso aho bobona ikibazo cose kijanye n’ivyo bitoro.

Muri rusangi, iyo nama yerekanye ko Umukuru w’igihugu ashaka gutunganya intwaro ifasha abanyagihugu, aho itangazamakuru ryotegerezwa kugira uruhara rudasanzwe mu kwubaka Uburundi bushasha burangwa n’uburenganzira, iteka n’iterambere rirama.

Related posts

PlayOffs2025: Urunani 2-2 Dynamo, urukino rwa 5 hazotsinda nde?

Yvan Manager

Umushikiranganji Arielle Kayabaga ahejeje kurahira yinjira mu mabanga nyezina.

Yvan Manager

“Intwaro Ibereye”: E. Ndayishimiye arikumwe mu kiganiro n’abahoze batwara igihugu c’Uburundi.

Yvan Manager

Leave a Comment