Inkino

Mosso Sugar ifise amahirwe ya 90% yo kuduga muri Primus Ligue Burundi.

Umurwi wa Mosso Sugar wo mu cicaro ca 2 ufise amahirwe menshi yo kuronka uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca mbere ”Primus Ligue’ Burundi ‘ hasigaye inkino 2 kugira ihiganwa rirangire inyuma yo gutsinda (3-2) New force academie ku kibuga Umuco co mu ntara ya Muyinga.

Mosso Sugar yo mu ntara ya Rutana iri mu kibanza ca 1 ku manota 29. Iya kabiri ni Lumiere Ngozi ifise amanita 21 mu nkino 11, hasigaye inkino 3 itarakina mu gihe Lumiere Ngozi yotakaza urukino rumwe murizo 3, Mosso Sugar izoba igiye muri ”Primus Ligue Burundi”. Mosso Sugar yaheruka gutsinda (2-0) Garage Express babasanze  ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega .

Mwomenye ko Tigre Noir wo mu ntara ya Ruyigi ariwo murwi wonyene muri  3 yaduze mu cicaro ca mbere mu mwaka uheze.

Related posts

“Abakinyi bose bameze neza, hasigaye akazi k’umumenyereza” Patrick avugira Intamba mu rugamba.

Yvan Manager

“CECAFA Senior Women’s Championship”: Uburundi bwatsinzwe 3-0 na Kenya.

Yvan Manager

NANI MKHARI 2023: Young Sisters iratahukanye igikombe.

Buja Media

Leave a Comment