MumahangaPolitike

Zimbabwe: hafashwe abantu 95 bari mu myiyerekano yo kurwanya ubukene.

 Abantu 95  bafashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza imyaka 2 avuga kagiye kwiyongera kubutegetsi,harabaye imyiyerekanoejo hahise basaba Umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa kuva ku butegetsi. Muri Mukakaro, umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF watangaje umugambi wo kwongera manda ya Mnangagwa imyaka ibiri, gushika muri 2030, yaje ku butegetsi muri 2017 inyuma yo gutembagaza Robert Mugabe, ubu ari mu manda yiwe yanyuma hakurikijwe ibwirizwa nshingiro yabo.

Inyuma y’amakuru y’uko abantu benshi baje mu matora, umurongozi w’imyiyerekano Blessed Geza yasavye abanya Zimbabwe “kutagira ubwoba” mu kiganiro yanditse kuri X. Abahoze ari abasirikare b’intambara y’ukwikukira, barongowe na Blessed Geza, ashaka ko Icegera c’Umukuru w’Igihugu Constantine Chiwenga asubirira Mnangagwa, yari yarasavye mbere ko abanya Zimbabwe “buzura amabarabara” mu gikorwa ca nyuma co gutegeka Umukuru w’igihugu kuva ku butegetsi. Amasanamu abona(Video) menshi yarashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi ejo haheze. Muri imwe, abapolisi barashobora kubonwa bakoresha vyokera mu maso bigatera amarira mu gushwiragiza abantu.

Benshi bari bakoraniye ku kibuga ca Perezida Robert Mugabe i Harare. Mu kindi, umugore umwe aradondora utwigoro twaba polisi two guhagarika iivyo ariko bakavuga yuko ari “Imyiyerekano y’amahoro” kuko yarahiye ko “ataho tuja, tuzoguma hano”. Umwe mu bariko baragira imyiyerekano ari ku nkoni na we nyene yabwiye ikinyamakuru co muri ako karere citwa Citizens Voice Network ati: “Mfise imyaka 63 kandi ubuzima burakomeye… Ndiko nditwararika abuzukuru banje kuko abana banje badashobora kubironka.” Yongeyeko ati: «Turashaka ko Jenerali [Constantin] Chiwenga afata ubutegetsi».

Related posts

Bimwe mu bibazo bikuru bikuru vyabajijwe mu kiganiro c’abavugizi b’inzego.

Yvan Manager

Reta y’Amerika yahagaritse ibimenyeshamakuru 3 iha uburyo harimwo VOA.

Yvan Manager

Bimwe mu bibazo n’inyishu vyabajijwe mu kiganiro c’Abashikiranganji.

Yvan Manager

Leave a Comment