Mia Love umwirabura wa mbere yatowe mu nama Nshingamateka ya Amerika, ku bw’umugambwe wa Republicain, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mia Love yapfuye ku musi w’Imana ariko arwana na kanseri yo mu bwonko.I Saratoga Spring, igisagara yaratwara gushika uyu munsi itavye Imana afise imyaka 49.
Yari umunyeporitike w'umunyamerika akaba n'umuhinga mu vya politike yaserukira Amerika mu ntara ya 4 ya Utah kuva mu 2015 gushika mu 2019. Ni we mugore wa mbere w'umwirabure yatorewe kuja mu nama nshingamateka nk'umurepublicain.Imbere y'uko atorwa mu nama nshingamateka, yari umukuru w'igisagara ca Saratoga Springs kuva mu 2010 gushika mu 2014. Inyuma yo gutsindwa mu nama nshingamateka mu 2018 n'umudemokrate Ben McAdams ku majwi 694, Love yahawe akazi na CNN nk'umusesenguzi mu vya politike mu 2019.
Love yavutse kw'igenekerezo rya 6 Kigarama 1975 mu gisagara ca Brooklyn mu gisagara ca New York, uumukobwa wa Mary na Jean Maxime Bourdeau, abavyeyi biwe bimukiye muri Haiti mu 1973, basiga abana babo babiri bakuru n'umuryango. Se wiwe yabaye umuyobozi w'ihinguriro ry'amarangi, nyina na we akaba umuforomo. Abavyeyi biwe barashoboye kuronka uruhusha rwo kuba muri Amerika kubera ivuka rya Love. Mu nyuma bahavuye baronka ubwenegihugu bw'igihugu. Igihe Love yari afise imyaka itanu, umuryango wiwe wimukiye i Norwalk muri Connecticut.Love yagiye kw'ishure ryisumbuye rya Norwalk, akuriye mw'idini ry'abagatolika.Mu nyuma yagiye kw'ishure rya Hartford Hartt, yaronse urupapuro rw'umutsindo mu bijanye n'umuziki.
Mia Love ntiyatinye kwerekana aho ahagaze ku ngingo zafatwa na Donald Trump ku bibazo vy’ubudandaji n’abimukira, mu gihe yariko ashigikira ivyiyumviro vy’umugambwe wiwe ku bijanye no kugabanya amakori. Mu ntango z’ukwezi kwa Ntwarante, Love yaragaragaje ko ata cizigiro afise bivuye ku gikomere yarafise ahagaragara kandi nticari kigishobora kuvurwa.
Muri Ruhuhuma 2022, Love yatowe indwara ya glioblastoma, ubwoko bwa kanseri yo mu bwonko, abaganga bavuga ko yari asigaje amezi cumi canke cumi n'atanu yo kubaho, baramubaze, bituma ibice 95% y'ico kivyimba atahgahengwe kimuhaye. Mu kwezi kwa Myandagaro 2023,
yari yinjiye mw'igeragezwa ry'ubuvuzi bw'umubiri kandi ikivyimba cari kigabanutse.
Yapfiriye iwe mu rugo i Saratoga Springs, Utah ku wa 23 Ntwarante 2025 azize iyo ndwara
afise imyaka 49.