InkinoMuburundi

Urukino rwahuza URUNANI na Dynamo ntirwaheze kubera imvura.

Urukino rwari rurindiranwe igishika n’abantu benshi Urunani na Dynamo ntiruheze ku mpamvu y’imvura yaguye igice ca mbere curwo rukino ruheze baca bafata ingingo yo kuyuguruza kuwundi munsi tutaramenyeshwa. Urukino rwahagaze Urunani rufise 25 kuri 24 ya Dynamo. Abakunzi batashe bidoga basaba yuko urundi rukino batorihishwa .

Sirya mbere hari inkino nkizo zugurujwe kuwundi munsi kubera imvura nyene ivyo bizotuma isubirwamwo abakunzi burwo rukino bagasubira kuriha kandi amahera yo kwinjira ivyo bikababaza abo bakunda umupira w’amaboko. Amategeko ya FIBA avuga yuko urukino ruhagaritswe nibi na biriya bitayivuyeko isaha imwe ikarenga baca buguruza kuyindi sango yindi ariko bataramenyesha abakunzi burwo rukino. Ikindi abantu benshi baguma basaba nuko hoboneka ikibuga gisakaye ntaho kitoba arica kijambere ariko imvura iguye ntibibuze inkino kubandanya.

Mu mwaka wa 2023 abatwara ico gihe FEBABU baragize umugambi wo kwubaka ikibuga gisakaye ndetse barashiraho n’ibuye ryo gutaguza ivyo bikorwa ariko kugeza nubu ntibaratagura.  

Uko imirwi y’abagabo yuno munsi yatsindanye : 

-Gymkhana 90-55 Kern

• Les Hippos 103-51 New Star

• Lion Team 50-86 Young Eagles

• Urunani 25-24 Dynamo (Urukino ntirwaheze)

Imirwi y’abagore uko yatsindanye: 

-Dynamo 95-29 Le Messager

-Les hippos110-10 Rumuri

Related posts

Umwihwezo wuko ihiganwa ryaringiye muri Primus League Burundi 2022-2023.

Yvan Manager

Vital’O FC: Uburongozi bwarushe.

Yvan Manager

AFCON 2023: Intamba Mu Rugamba bafashe urugendo rubashikana muri Tanzaniya.

Yvan Manager

Leave a Comment