Ishirahamwe AVR (Association des Veuves Responsables) rihurikiyemwo abapfakazi ririkumwe na AVOD AVOD(Association des Veuves et des Orphelins pour la Défense de leurs Droits) basaba ko umunsi mpuzamakungu w’abapfakazi wabahariwe wokwemerwa n’igihugu ukaza urahimbazwa ku mugaragaro nk’iyindi minsi. Uyo munsi usanzwe uhimbaza kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi kw’isi ukwo umwaka utashe.
Octavie Ntakirutimana aserukira imbere y’amategeko AVR avuga ko intumero nyamukuru y’uwo munsi ni kumenyesha amakungu ingorane zihanze abapfakazi cane cane ikumirwa, ubukene, guhohoterwa, ubutungane bubarenganya n’ayandi mabi atagira izina. Iyindi ntumbero ni gushigikira ibikorwa vyoguhindura ubuzima bw’abapfakazi, maze bakabaho bitaweho, bakisanzura n’ababajejwe bakabatunganiriza.
Kuri iyi ncuro ya kabiri bawuhimbaza aha i Burundi mu gihe wemejwe na ONU kw’igenekerezo rya 21 Kigarama 2010, ibisabo vya Octavie Ntakirutimana n’ukwo uyu munsi n’Uburundi bwowemeza ugahimbazwa nka kurya kw’umunsi wahariwe umukenyezi canke umunsi w’umwigeme n’iyindi. Akabona ko umunsi wabahariwe womenyekana ukubahirizwa.
Abapfakazi bataramenya uwo munsi n’ishirahamwe AVR, abahamagarira kuva mu rufuri, bakifatanya nabo kuko barwanira agateka kabo. Baramarana ingorane zimwe zimwe, bagakora n’ibikorwa vy’iterambere bari kumwe.
Ati: “Umunsi mpuzamakungu wahariwe abapfakazi si umunsi w’agahinda ahubwo ni umunsi wo kwiyumvamwo ko dukomeye” Yatumiriye uwo wese ahohotera umupfakazi kugeza aho kuko amategeko atazomwihanganira