InkinoMumahanga

Umukinyi Thilo Kehrer agiye gufashe abarundi bakiri bato .

Uwo mukinyi w’umunya Monaco yashinze ishirahamwe ryitwa Fondation rifise intumbero yo gufasha urwaruka rw’Uburundi, bakaruha amahirwe yo kwiteza imbere mu buryo no mu kwigisha umwuga. Umugambi wayo w’agaciro: ikigo ca Thilo Kehrer, caguruwe mu 2022 i Gitega, gitanga ibikorwa vy’imikino n’ivy’imibano n’imico kama. Uwo mukinyi w’umudagi, nyina wiwe akaba ari umurundi, ashaka gushikana ku rwaruka kuko basanze ibice 46 kwijana vy’abanyagihugu bose bari munsi y’imyaka 15. Nkuko ayo makuru tuyakesha ikinyamauru c’abafaransa RFI,  Thilo yarateguye ku munsi w’ejo hahise igusagira kugira ashobore kwegeranya uburyo bwo kuzokora uwo mugambi mu gisagara ci Monaco, haraboetsemwo Didier Drogba, Mané, Rashford, harimwo n’abandi batandukany biyemeje gushigikira ico gikorwa. Mbega Thilo Kehrer ninde? Yavukiye i Tübingen, hafi y’igisagara ca Stuttgart, yize amashure yiwe mu Budagi. Yamenyerejwe muri FC Schalke 04, iyo yinjiyemwo mu 2012, yakinye inkino irenga ijana n’imigwi y’abakiri bato, aca atsindira, nk’umukuru w’umugwi, igikombe c’Ubudage c’abakiri bato bakiri bato mu mwaka w’2015. Yashizwe mu gice c’abakinyi batatu mu gihe c’umwaka w’imikino 2017-2018, yaratanze cane kugia ashike kururwo rugezo ariko kumwe iruhande na Breel Embolo, mu kibanza ca kabiri iyo kipe yaronse muri uyu mwaka muri Bundesliga.Thilo Kehrer (Monaco), le 19 septembre 2024, lors d'un match contre Barcelone. Kubera inkino nyinshi yakinye hakurya y’uruzi Rhine, Thilo Kehrer yatumyeumurwi wa Paris Saint-Germain bamugumizako ijisho ryiza ryo kumugura, ica imutora mu mwaka w’2018, ku mategeko ya Thomas Tuchel. Na Paris, uwo mukinyi w’inyuma w’imyaka 1,86 abona igikombe c’imigwi yambere kw’isi. Muri rusangi, yarifatanije mu makoraniro y’i Buraya nka mirongo ibiri.Mu mugwi w’umurwa mukuru, Thilo Kehrer yakinye inkino 128, atsindira igikombe ca Ligue 1 incuro zitatu (2019, 2020 na 2022), igikombe c’Ubufaransa incuro zibiri (2020 na 2021), igikombe ca Ligue 1mu 2020 n’igikombe ca Paris. Yahitse muri West Ham no muri Premier League mu ci ca 2022. Thilo Kehrer yarifatanije mu mwaka udasanzwe wa Hammers, atsinda igikombe ihiganwa y’i Buraya kubera Fiorentina. Uwo mukinyi w’inyuma amaze gukina inkino 27 mu Budagi, akaba ari mu mugwi w’Ubudage uzoja mu gikombe c’isi co mu 2022 kizobera i Qatar. Uwo mudagi yagurishijwe muri AS Monaco n’umurwi y’Ubwongereza mu gihe c’imbeho co mu mwaka w’2023-2024, yakinye inkino 18 n’umrwi ya Red and Whites, akaba yahisemwo kubandanya urugendo rwiwe muri Principauté gushika mu mwaka w’2028.  

Related posts

Israel yemeye igitigiri 1200 c’abapfuye mu gitero cakonzwe na Hamas.

Yvan Manager

Youssouf Nyange : Igitsindo ca mbere mu gihugu c’ Ubufaransa.

Yvan Manager

Mark Carney umushikiranganji wa mbere mushasha wa Canada yatowe ku majwi 85,9.

Yvan Manager

Leave a Comment