Uburundi bwatahukanye imidari y’izahabu n’ibahasha ry’amafaranga y’amadorare 700 ku bahungu no ku bigeme mw’ihiganwa mpuzamakungu ry’akarere ka gatanu ( Zone 5) mu mupira w’amaboko ukinirwa ku musenyi ( Beach Volleyball) mu gisagara ca Bujumbura, ryitabiriye ibihugu 5 harimwo Kenya, Ouganda, Tanzanie na Sudan. Serge Ntakamvura atwara ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi yamenyesheko babikesha amahiganwa mpunzamakugu abarundi bamaze iminsi bijamwo. Abarundi nibo bonyene bahuriye mu nkino za nyuma ziryo higanwa

Ku ruhande rw’abigeme , umugwi w’abarundikazi ugizwe na Emelyne Igiraneza na Nadia Buntubwimana batsinze bagenzi babo Pamella Irakoze na Emmanuellie Ndayikengurukiye bahuriye mu rukino rwa nyuma , amaseti 2 Kuri 1( 21- 15; 20- 22; 15- 9). Ku ruhande rw’abahungu,umugwi wa Don Diamel Ndayisaba na Engambé Igiraneza batsinze Florian Manariyo na Don Carmel Gakiza amaseti 2 kuri 1 (21- 18; 11- 21; 15- 11).
Umugwi wabaye uwa mbere ukaba utahukanye ibahasha ry’amafaranga amajana indwi y’amadorare ($700), uwa kabiri amajana atanu ($500) nayo uwa gatatu ukaba utahukanye ibahasha ry’amafaranga amajana atatu y’amadorare ($300).Mwomenya ko iryo higanwa ryataguye kuva kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu 2025, gushika kuwa 25 Gitugutu 2025
