InkinoMuburundi

Uburundi bwakiriye ihiganwa rya ”Jeu d’Echecs” ku rwego rw’Afrika ku ncuro ya kabiri.

Ishirahamwe ry’urukino rw’abami mu Burundi bita ”Fédération de Jeu d’Echecs au Burundi” ririko ritunganya ihiganwa mpuzamakungu ku rwego rw’Afrika ku ncuro igira kabiri, ihiganwa ryatanguye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17-26 myandagaro 2025. Fleury Cibutso arongoye iryo shirahamwe mu Burundi ngo ni ihiganwa ryitabiwe n’ abakinyi 47 bavuye mu bihugu7 :Uburundi , Afrique du Sud, Zambia, Uganda,Kenya,Sudan du Sud na Egypte.ImageUwurongoye ishirahamwe ry’urwo rukino ku rwego rwa Afrika, umupfasoni Lopang Tshepiso, yamenyesheje ko uburundi bwongeye kwizerwa ngo bwakire iryo ihiganwa ryo ku rwego rwa Afrika ku ncuro ya kabiri bivanye n’ukuntu babonye Reta y’uburundi ishigikira inkino. Yamenyesheje kandi ko har ubushimwe bushimishije butegekanijwe abakinyi bazitwara neza gusumba abandi.

ImageMathias Manirakiza umuyobozi wa Sport yari yaserukiye umushikiranganji w’inkino muri ico kiganiro ngo iyo igihugu cakiriye ihiganwa beniryo ngo n’iteka ku gihugu kuko ngo urwaruka ruraharonkera akaryo ko kwigaragaza mukwerekana impano zabo.

Related posts

PlayOffs 2025: Urunani na Gladiators batsinze Game 2.

Yvan Manager

Umukuru w’Igihugu yashikirije musitanteri mushasha wa Komine Matongo.

Yvan Manager

Patrice Motsepe yatowe gutwara CAF ikiringo ca 2 kindi.

Yvan Manager

Leave a Comment