Ku rukino rugira kane hagati y’ Urunani na Dynamo, urukino ruheze Urunani rukoze kandi mu jisho Dynamo mukuyitsinda amanota 67-56 ya Dynamo. Urukino rworoheye cane Urunani kuko yagumye iri mbere muduce twose uko ari 4. Mu gace ka mbere Uurnani barushije Dynamo 19-11, 38-28, 52-43- 67-56. Urukino rugira 5 bazoca barukino ejo nyene kuw’Imana igenekerezo rya 13 Mukakaro kurico kibuga nyene.
Inkino zose ziriko zica ikibiriraho ku mboneshakure ya Buja TV, kuruhande rw’Ururani? Sangwe armel yatsinze amanota menshi ashika 14,yakinye iminota 25 irengako amasegonde 26 akurikirwa na Bujeje Romis yatsinze amanota 13, akina iminota 35 n’amasegonda 37. Muri Dynamo, uwatsinze amanota menshi ni Garba Chinnga Kennedy amanota 17 akina iminota 37 n’amasegonda 14, Richard Ndikuriyo wa Dynamo yakinye umwanya munini kurusha ungana n’iminota 39 n’amasegonde 22 arriko acayijiza manota 5 biboneka ko ari make cane gose ufatiye kuruwo mwanya.
Mu mategeko ya Play Offs bakina inkino 7 muri final, uwutsinzemwo 4 akaba ariwe acaserukira igihugu mu nkino za Road To Bal rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo.