ImibanoMuburundi

Musenyeri Emmanuel Sinzohagera bazomwimika kuwa 29 Ntwarante.

Musenyeri Emmanuel Sinzohagera bazomwimika mu birori bidasanzwe bizoba kuwa 29 Ntwarante ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega, Emmanuel Sinzohagera baheruka kumutora kuba Musenyeri(Bishop) mw’ishengero Méthodiste unie mu nama nkuru y’Afrika yabereye  i Johannsburg kuwa 15. Musenyeri Emmanuel Sinzohagera abaye uwa mbere Musenyeri muri Afrika yo hagati. Musenyeri Sinzohagera  azotwara ako karere kuva 2028 gushika mu 2032.

Umunsi uzoba winjiye muri kahise kiryo shengero kurwego rwa Afrika, icivugo ”Haguruka ukayangane, kuk’umuco wawe ushitse kandi ubwiza bw’Uhuhoraho burakurasiye” biri muri Yesaya 60:1. Ivyo birori vyo kumwimika ku mugaragaro bizotagura isaha imwe yo mugatondo. Musenyeri Emmanuel agiye gutwara igice ca Afrika yo hagati ariko ubwa mbere twahora dutwarwa mu karere karimwo ibihugu 6 arivyo: Ouganda, Éthiopie, Kenya, Soudan y’epfo, Urwanda n’Uburundi. Igihugu c’Uburundi catwarwa na Daniel Wandabula akomoka mu gihugu c’Ubuganda.

ImageUmukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye yaramukeje kurayo mabanga mashasha aheruka kuronka: ”Uburundi, ni igihugu kirongowe n’abahizi, bashize Imana imbere. “Burundi buhire, Imana yakuduhaye ikudutungire”.

ImageMusenyeri Emmanuel SINZOHAGERA yagaragaye mu mwambaro w’abasenyeri ubwa mbere muri paruwase Nyabugogo, muri komine Gitega yariko arigisha (Matthieu5:46-48;Romains12:14;17;18) ku munsi w’Imana uheze nkuko dukesha ayo makuru urubuga X rw’Inama Nkenguzamateka.

 

Mushaka gusoma inkuru atorwa: Emmanuel Sinzohagera yatowe kuba musenyeri mw’ishengero Méthodiste Unie. – bujamedia.com

Related posts

Primus Ligue: Aigle Noir iracari mu kibanza ca mbere kundwi ya 24.

Yvan Manager

Igikorane “Connect Africa Conference 2023” cahagaritswe n’ubushikiranganji bukurikirana ivy’amashengero.

Yvan Manager

Urucanco rwa Malariya rwamaze gushika mu Burundi.

Yvan Manager

Leave a Comment