Amadolari 100.000 yaciriwe umurwi wa Mamelodi Sundowns n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika kumvo zuko abakunzi buwo murwi werekanye agashavu mu rukino African Champions League hagati y’imigwi ibiri izoja mu gikombe c’isi c’amakipe ya FIFA muri Amerika yarenze ku mategeko agenga umutekano mu kwakira umukino ku wa mbere Ndamukiza n’ikipe ya Esperance yo muri Tuniziya, nk’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afirika ryabivuze mu ngingo y’indero yasohowe ku wa kane.
Uwo murwi wafatiwe ibihano, utwarwa na Patrice Motsepe ariwe atwara CAF akaba kandi n’icegera c’uwutwara FIFA yaheruka kandi gutorwa gutwara CAF ikiringo kigira kabiri. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afirika CAF ryavuze ko Mamelodi Sundowns “isabwa gukurikiza neza ingingo z’umutekano zivugwa mu mategeko, n’amabwirizwa ya CAF, cane cane mu mikino izoza. Sundowns yatsinze umukino wa mbere 1-0 i Pretoria, ishika mu gice ca kabiri, inyuma y’aho umukino wo gusubira inyuma urangiriye 0-0 i Tunis haciye indwi imwe. Umurwi wa Afirika y’epfo uzokwakira Al Ahly yo muri Misiri iyindi kipe y’igikombe c’isi c’ama clubs ,ku musi wa gatandatu mu rukino rwa mbere rw’igice ca kabiri.
Imirwi ya Sundowns na Esperance zompi zizoza muri Amerika muri Ruheshi nk’imigwi ibiri mu migwi ine yo muri Afirika izokina mu gikombe c’isi c’amakipe 32 ca mbere ca FIFA. Amakipe yompi yashitse mu gice ca nyuma kubera mu myaka ine mu gikombe c’imigwi yambere kw’isi gushika mu mwaka w’2024. Sundowns yashizwe mu mugwi w’ama clubs y’igikombe c’isi, izokina n’imigwi ya Ulsan (Koreya y’Epfo), Borussia Dortmund (Ubudage) na Fluminense (Brésil), kandi izokina i Orlando, Cincinnati na Miami. Esperance iri mu mugwi uri kumwe na Chelsea (Ubwongereza), Flamengo (Brésil) n’ikipe ya gatatu yari ikwiye kuba Leon, ariko FIFA yayikuyemwo kuko ifise nyen’iyindi kipe yo muri Mexique yashitsemwo, Pachuca.
Iryo higanwa izobera i Philadelphie n’i Nashville, igikombe c’isi c’ama clubs kibera mu bisagara 11 vyo muri Amerika kuva kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi gushika kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga.