Muri Mali, amashure na kaminuza zo mu gihugu cose zasubiye kibikorwa nyezina . Amashure yari amaze indwi zibiri ahagaritswe mu gihugu cose. Abategetsi bo murico gihugu bari baciye bafata iyo ngingo idasanzwe kubera uburenganzira bwo kwinjiza igitoro mu gihugu bwashizweho kuva mu ntango za Nzero n’aba jihadiste ba JNIM, bafitaniye isano na al-Qaeda. Ubukene bukomeye bw’ibitoro bwatumye abanyeshure n’abigisha badashobora gushika mu mashure yabo.
Kuri uwu wa mbere mu gitondo, amashure yarasubiye gukora ukuri kwamye. Umuyobozi w’ishure ryo mu murwa mukuru wa Mali, anezerewe nk’aho ari “ikiruhuko”, mu majambo yiwe , ati: “Abigisha banje bose barashoboye kuza, n’abanyeshure na bo nyene.” Umunya Bamako umwe yavuze ati: “Mfise abana batatu kw’ishure, n’abahungu ba mushiki wacu bari muri kaminuza; bose bari mw’ishure uno musi,” yongerako yuko abana biwe bavuye “n’imodoka, nk’uko bisanzwe,” kandi ko “banezerewe cane” no kuba bagarutse. Uwundi muvyeyi yasiguye ati: “Narashoboye kwuzuza itangi ryanje, mugabo ababanyi ntibari, ni co gituma nashize abana banje n’abana b’ababanyi igihe kimwe.” Uwundi na we nyene yasiguye yuko yashize abana biwe muri bisi y’ishure imbere y’uko we ubwiwe aja ku kazi “.

Nk’uko bigaraga umwe yubahutse kubwira ikinyamakuru co murico gihugu aranezerewe: “Ivyo gusubira kuronka ibitoro birashoboka kubera utwigoro duhurikiyeko tw’abategetsi.” Abanyagihugu benshi batagira icizere kinini bashikirije ko batatoreye inyishu burundu: “Ariko ingorane ntitorera umuti,” bakoresheje ayo majambo nyene. Abanya Bamako barabona ukuntu ikibazo c’igitoro gihinduka buri musi ku bibanza, kandi benshi babwiye ibinyamakuru ko baguma bahagaritse umutima bigaragara ku bijanye n’ico kibazo.
